Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibihugu bitunze biriko vyikwegerako incanco za Covid
Ibihugu bitunze biriko birigungirako incanco za covid mu gihe abanyagihugu bo mu bihugu bikenye bobo bazoburiramwo, nk'uko ihuriro ry'amashirahamwe ajejwe guhimiriza rigabisha.
Ihuriro People's Vaccine Alliance, rivuga ko ibihugu hafi 70 bifise amikoro make ari vyo bizoshobora gucandaga 1/10 c'abantu bavyo.
Ibi biri uko mu gihe uruganda Oxford - AstraZeneca rwemeye ko ruzotanga ibice 64% vy'urucanco rwayo mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere.
Hari ngingo ziriko zirafatwa kugira ngo ibihugu vyose kw'isi bishobore kuronswa izi ncanco.
Ariko n'aho biri uko, ihuriro People's Vaccine Alliance - ihuriro ry'amashirahamwe atari make harimwo Amnesty International, Oxfam na Global Justice Now - rivuga ko ata ncanco ziriho zokwira bose, rigasaba ko amakompanyi ahingura imiti yokwereka ayandi ubuhinga bwayo kugira ngo hashobore guhingurwa incanco zikwiye.
Ubushakashatsi bw'aya mashirahamwe bwerekanye ko ibihugu bitunze bimaze kugura incanco zihagije zo gukingiza abanyagihugu bavyo incuro zitatu zose mu gihe incanco zose zoba zemewe gukoreshwa.
Akarorero, ubu bushakashatsi buvuga ko Canada yatumyeko inkingo zikenewe zo gukingira Umunyacanada wese incuro zitanu.
N'aho ibihugu bitunze bifise ibice 14% vy'abantu bose kw'isi, amakuru ava mu bihugu biriko birageragerezwamwo izi ncanco ku rugero rwa gatatu ari rwo rwa nyuma avuga ko bimaze kugura ibice 53% vy'incanco ziboneka ko umwanya n'umwanya zishobora kwemezwa.
Anna Marriott, umuyobozi w'igisata kijejwe amagara y'abantu mw'ishirahamwe Oxfam, agira ati: "Nta muntu n'umwe akwiye kwimwa urucanco rurokora ubuzima bwiwe kubera igihugu abayemwo canke ata mafaranga akwiye afise.
"Ariko, kiretse hagize igihindutse koko, amamiriyaridi y'abantu kw'isi nta rucanco rwiza kandi nyarwo bazoronka rwa Covid-19 mu kiringo c'imyaka itari mike iri imbere".
Ihuriro People's Vaccine Alliance ritera akamo ibigo bihingura imiti, bikaba biriko birahingura incanco za Covid-19, ko vyoshira ahabona ubuhinga bwavyo kugira ngo incanco zikwiye zishobore guhingurwa maze buri muntu arukeneye aruronswe.
Rivuga ko ibi bishobora gukorwa biciye mw'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi mu gisata caryo kijejwe Covid-19.
Urucanco Pfizer-BioNTech rumaze kwemezwa mu Bwongerezwa kandi ababangamiwe gusumba abandi bakaba baratanguye gucandagwa muri ino ndwi.
Umwanya n'umwanya, rushobora kwemezwa n'abajejwe amagara y'abantu muri Amerika n'i Buraya.
Izindi ncanco zibiri zahinguwe n'amakompanyi Moderna hamwe na Oxford-AstraZeneca zirarindiriye kwemezwa mu bihugu bitari bike.
Iri huriro rivuga ko gushika ubu, incaco zose za Moderna n'ibice 90% vy'incanco za Pfizer/BioNTech zaguzwe n'ibihugu bitunze.
AstraZeneca, ikompanyi iriko irahingura urucanco rwatowe n'ishure kaminuza ya Oxford, yariyemeje ko izorutanga ku buntu mu bihugu bikiri mu nzira y'amajambere.
Ni urucanco ruzimbutse gusumba izindi kandi rugashobora kubikwa mu vyuma bikanyisha bisanzwe (frigo), ibi bikaba bituma rushobora gukwiragizwa mu mpande zose z'isi.
Urucanco rw'Uburusiya, Sputnik, narwo nyene rumaze kuboneka ko rumeze neza, mu gihe hari izindi zine ziri mu gice ca nyuma c'igeragezwa.