Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Covid-19: urucanco Pfizer/BioNTech rwemejwe, rugiye gutangura gutangwa mu ndwi iza mu Bwongereza
Ubwongereza ni co gihugu ca mbere kw'isi cemeje urucanco rw'ikigo Pfizer, BioNTech, mu ntambara yo kurwanya coronavirus, rukaba rugiye gutangura gutangwa ku bantu benshi.
Ikigo c'Ubwongereza kijejwe kugenzura imiti MHRA, kivuga ko uru rucanco rukingira Covid-19 ku bice 95% ata ngorane ruteye.
Igikorwa co gucandaga gishobora gutangura mu misi mike ku bantu barukeneye cane gusumba abandi, harimwo abatama n'abatamakazi hamwe n'ababangamiwe gusumba.
Ubwongereza bumaze gutumako imiliyoni 40 z'uru rucanco kugira bashobore gucandaga abantu imiliyoni 20.
Uru rucanco Pfizer/BioNTech ni rwo rwa mbere runyarutse kwemezwa, inyuma y'amezi cumi gusa mu gihe izindi zishobora gufata imyaka cumi.
Umushikiranganji wa mbere Boris Johnson yanditse ku rubuga rwa Twitter ati: "Incanco ni zo zizoshobora kudufasha gusubirana ubuzima maze tugasubira mu bikorwa vy'iterambere".
Umushikiranganji w'amagara y'abantu w'Ubwongereza, Matt Hancock, yabwiye BBC ko abanyagihugu bazohamagarwa n'ikigo NHS umwanya wabo wo gucandagwa ugeze.
Umukuru w'igisata kijejwe amagara y'abantu, NHS, Sir Simon Stevens, avuga ko igisata kijejwe ubuvuzi kiriko kiritegurira "isekeza rikomeye ryo gucandaga mu mateka y'igihugu cacu".
Hafi ibitaro 50 biragabirije, mu gihe hari ibindi bigo vy'ugucandaga biriko birategurwa.
Hagati aho, abahinga bavuga ko n'aho izi ncanco zishobora gutangura, abanyagihugu bategerezwa kuba magabo, bakama bakurikiza amabwirizwa ajanye no guhagarika coronavirus. Ni ukuvuga kwirinda kwegerana, kwambara udupfukamunwa, kandi abafise ibimenyetso vy'uwu mugera bagapimwa mbere bagasabwa kwitandukanya n'abandi.
Prof Danny Altman, umwigisha kuri kaminuza Imperial College London, avuga ko aya makuru y'iyemezwa ry'uru rucanco "akomeye cane".
Ihinguriro Pfizer ryakoze uru rucanco rivuga ko iyi ari itsinzi ikomeye.
Ni ba nde bazoruronswa, ryari?
Abahinga bakoze urutonde mfatakibanza rw'abantu babangamiwe gusumba abandi. Imbere y'abandi haza abasanzwe baba mu bigo vy'irerero n'ababikoramwo, abantu barenza imyaka 80 hamwe n'abandi bakozi bo mu gisata c'amagara y'abantu.
Ni bo bazotangura guhabwa uru rucanco - bamwe mbere mu ndwi itangura.
Mu nyuma uko imiti izogenda iboneka mu 2021, hazogenda haba isekeza ryo gucandaga abantu bose barengeje imyaka 50, hamwe n'abakiri bato basanzwe bafise izindi ndwara.
Umuntu aterwa inshinge zibiri, hagati ya rumwe n'urundi hagategerezwa guca iminsi 21, uru rwa kabiri rukaba ari urwo kwongera inguvu.
Haraca indwi nkeya kugira ngo urucanco rukore neza mu mubiri.
Izindi ncanco za Covid ziteye he?
Hari izindi ncanco zishobora kwemezwa mu minsi ya vuba.
Hariho rumwe rwakozwe n'ikigo co muri Amerika Moderna rukora nk'urwa Pfizer. Ubwongereza bwaramaze kugura izishika imiliyoni indwi zishobora gushika inyuma ya Pasika.
Hari urundi rwahinguwe n'ikigo ca kaminuza ya Oxford gifadikanije na AstraZeneca, ikigo co mu Bwongereza nyene gihingura imiti, Ubwongereza bukaba bwaramaze gusaba izishika imiliyoni 100 zarwo.
Uburusiya na bwo busanzwe buriko burakoresha urundi rwitwa Sputnik, mu gihe igisirikare c'Ubushinwa na co nyene camaze kwemeza urundi rwahinguwe n'ikigo CanSino Biologics. Izi zompi zikora co kimwe n'uru rucanco rwa Oxford.