Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Coronavirus: OMS iti ‘Afrika ntizoba urubuga rwo kugerageza urucanco urwo ari rwo rwose".
Umukuru w'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi,OMS/WHO ariyamiriza amajambo "y'ivanguramoko" yashikirijwe n'abaganga babiri b'Abafaransa aho bavuze ko urucanco rwa covid-19 rwogeragerezwa muri Afrika.
Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus arongoye OMS ati: "Afrika ntishobora kuba kandi ntizigera iba urubuga rwo kugeragerezako urucanco urwo ari rwo rwose".
Ayo majambo yashikirijwe mu kiganiro caciye kuri televiziyo yarateye icuka kibi, abo baganga bakaba baragirijwe ko bafata Abanyafrika "nk'imbeba z'inzungu".
Vyabaye ngomwa ko umwe muri bo asaba imbabazi.
Abajijwe ku bijanye n'ivyashikirijwe n'abo baganga mu kiganiro OMS yariko igirana n'abanyamakuru, Dr. Terdros yabonetse ko arakaye, aho yavuze ko ivyo vyerekana "ivyiyumviro vy'ubukoloni".
Ati: "Ni ibintu biteye isoni kandi bibabaje kwumva mu kinjana ca 21 hakiri abahinga bashobora gushikiriza amajambo nk'ayo. Turavyiyamirije twivuye inyuma, kandi turabijeje ko ivyo bitazigera bisubira".
Abo baganga bavuze iki?
Mu kiganiro caciye kuri televiziyo y'abafaransa LCI, ku wa 01 z'uku kwa kane, Dr Camille Locht ajejwe ubushakashatsi mu kigo kijejwe amagara y'abantu n'ubushakashatsi (Inserm), yariko avuga ibijanye n'igerageza ry'urucanco i Bulaya na Australia.
Niho rero Dr Jean-Paul Mira, ajejwe kuvura indembe ku bitaro vya Coshin i Paris yinamura akavuga ati: "Ngerageje kuvuga mu majambo yo nyayo, kubera iki tutogeragereza urwo rucanco muri Afrika, ahantu ata dutambara two kwikingira bafise, ata miti bafise, ata n'uburyo bafise bwo gutabara indembe?"
"Erega ni nk'uko bisanzwe bigenda ahandi mu bushakashatsi bumwe bumwe kuri SIDA. Nko mu ba maraya, turahakorera igerageza kuko tuzi ko ari bo babangamiwe kandi kubera tuzi ko batikingira".
Niho muganga Locht, yaca ashigikira mugenziwe, muganga Mira, avuga ati: "Uvuze ukuri, turategekanya ubushakashatsi nk'ubwo bwokorwa no muri Afrika".
Imbere y'aho, muganga Mira yari yerekanye amakenga kuri iryo gerageza ririko riraba, avuga ko atizeye ko bashobora gushika ku vyo bipfuza muri Australia n'i Bulaya kubera bobo bafise ibikoresho vyo kwikingira iyo bari ku kazi.
Ayo majambo yatumye Abanyafrika mu bice vyose vy'uwo mugabane bashangashirwa, harimwo n'uwahoze ari umukinyi w'umupira w'amaguru, Didier Drogba, yavuze ko ayo majambo ari ayo ivanguramoko rishingiye ku rukoba.
Yavuze kandi ati: "Kirazira ko abanya Afrika bafatwa nk'imbeba! Ako ni akagaye".
Mugenziwe Samuel Eto'o nawe nyene yahoze ari umukinyi rurangiranwa umupira w'amaguru, wewe yavuze ko abo baganga ari "abicanyi".
Amajambo y'abo baganga kandi yongereje ubwoba bwari busanzwe buhari muri Afrika ko Abanyafrika bashobora gufatwa nk'imbeba z'inzungu bakageragerezwako urucanco rushasha rwa coronavirus.