Coronavirus: Abaganga b'abafaransa bagirizwa ivangura ku majambo bavuze yo kugeragereza urucanco ku banyafrika

Abaganga babiri b'Abafaransa baragirizwa ivangura rishingiye ku rukoba inyuma y'amajambo bashikirije, bavuga ko urucanco rw'igituntu rwogeragerezwa muri Afrika kugira ngo barabe nimba rushobora gukora kuri coronavirus.

Ivyo babivugiye mu kiganiro caciye kuri televiziyo y'abafaransa LCI, ku wa 01 z'uku kwa kane cerekana Dr Jean-Paul Mira na Dr Camille Locht, kikanakwiragizwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi.

Muganga Mira yavuze ati: "Ngerageje kuvuga mu majambo yo nyayo, kubera iki tutogeragereza urwo rucanco muri Afrika, ahantu ata dutambara two kwikingira bafise, ata miti bafise, ata n'uburyo bafise bwo gutabara indembe?"

Erega ni nk'uko bisanzwe bigenda ahandi mu bushakashatsi bumwe bumwe kuri SIDA. Nko mu ba maraya, turahakorera igerageza kuko tuzi ko ari bo babangamiwe kandi kubera tuzi ko batikingira".

Eka na muganga Camille Locht, akora ku kigo ca leta kijejwe amagara y'abantu n'ubushakashatsi (Inserm), yarashigikiye mugenziwe, muganga Mira.

Afatiye kw'igeragezwa rw'urwo rucanco ririko ribera ku yindi migabane, muganga Locht yavuze ati: "Uvuze ukuri, turategekanya ubushakashatsi nk'ubwo bwokorwa no muri Afrika".

Ayo majambo yatumye abanya Afrika mu bice vyose vy'uwo mugabane, harimwo mbere na bamwe mu bihangange, biyamiriza bikomeye abo baganga, baciye ku mbura hwaniro.

Abahoze ari abakinyi rurangiranwa b'umupira w'amaguru, umunya Côte d'Ivoire Didier Drogba, hamwe n'umunyakameruni, Samuel Eto'o, ni bamwe mu biyamirije abo baganga.

Aciye ku rubuga rwa Twitter, Didier Drogba yanditse ati:

"Nashaka niyamirize nivuye inyuma ayo majambo y'akagaye, yuzuye ibinyoma, igisumbirije akaba ari amajambo yerekana ivangura ribi cane rishingiye ku rukoba"

"Kirazira ko abanya Afrika bafatwa nk'imbeba…Afrika si akarere k'igeragerezo".

Samuel Eto'o wewe yavuze ko abo baganga ari "abicanyi".

Inyuma y'aho amajambo yashikirijwe n'abo baganga atereye icuka kibi, Inserm yasohoye itangazo aho ivuga ko iyo reresi "yatahuritse nabi".

Iryo tangazo rivuyga riti:

"Igerageza ry'urucanco BCG kuri coronavirus riri mu gutangura mu bihugu vya Bulaya na muri Australia. Nimba hari ibijanye n'ukugerageza urwo rucanco muri Afrika, bizokorerwa rimwe n'ahandi. Afrika ntitegerezwa kwibagirwa canke gushirwa ku ruhande kuko ico kiza gihanze isi yose".

Ejo ku wa gatanu, vyabaye ngombwa ko muganga Mira asaba imbabazi kuri ayo majambo, abicishije mw'itangazo ryasohowe n'ikigo asanzwe akorera.

Yavuze ati: "Ndasavye imbabazi n'ukuri kuri abo bose bababajwe, batirimukijwe kandi bumva ko natukanye mu majambo nashikirije ntiyumviriye kuri televiziyo LCI muri ino ndwi".

Urucanco BCG ni urucanco ruhabwa cane cane inzoya mu bihugu birangwamwo cane indwara y'igituntu.

Hari ivyigwa biherutse gukorwa vyerekana ko mu bihugu bisanzwe bikoresha urwo rucanco rwa BCG abicwa na Covid-19 ari bake cane.