Malawi - Covid-19: Incanco 19.610 za AstraZeneca zataye igihe zaturiwe

Malawi yaturiye incanco 19.610 zataye igihe za AstraZeneca, kikaba kibaye igihugu ca mbere ca Afrika gikoze ivyo.

Cakurikije impanuro z'ikigo ca Afrika kijejwe kugenzura ingwara 'Africa Centres for Disease Control' (Africa CDC) cemeje ko incanco zarengeje ikiringo ziba zitagikora.

Bavuga ko izo ncanco zarengeje ikiringo kandi ko atacerekana na kimwe ko zobandanya gukoreshwa, hishimikijwe ingingo ngenderwako z'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi WHO/OMS.

Kibaye igihugu ca mbere ca Afrika gitaye izo ncanco zataye igihe ku mugaragaro.

Abategetsi bavuga ko iyo ngingo igamije gutanga icizere kubanye Malawi kugira bazoze guhabwa incanco igihe zizoba zibonetse.

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga

Gushika ubu, igitigiri c'abicandagisha Covid-19 kiri hasi cane, cane cane bivanye n'ibihuha bivugwa kuri izo ncanco.

Abategetsi batinya ko gukoresha incanco zataye igihe vyotuma abantu babatakariza icizere.

Reta ya Malawi ifise icizere ko ukwicandagisha kuzokwongerekana igihe bazoronka izindi ncanco z'umugambi wa Covax.

Abanye Malawi barenga 330.000 baricandagishije.