Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Incanco za Covid: Ikinyoma 'kiranyaruka gusumba umugera'
Mu gihe incanco za Covid zugururiwe abanyagihugu bose mu Bwongereza, hari bamwe - cane cane abirabure bakiri bato - bakizifiseko amadidane.
Abirabure bakuze nibo cane cane bakunze kugira amadidane, mu gihe abari hagati y'imyaka 18-21atari benshi bemera guterwa urucanco, nk'uko bivugwa n'ikigo kijejwe kwegeranya ibiharuro (ONS).
Umurwi w'abanyamakuru bategura ikiganiro If You Don't Know (nimba utazi) c'iradiyo yegukira BBC, BBC Radio 1Xtra, baganiriye na bamwe muri bo bavuga ko bimwe mu vyabitumye ari ibihuha.
Urubuga rwa YouTube rwarafuse amareresi arenga ibihumbi 900 mabi canke akwiragiza ibihuha kuri Covid kuva mu kwa kabiri 2021, nk'uko biri mu cegeranyo cashikirijwe iki kiganiro.
Umwe mu bantu bagize amadidane yo kwakira urucanco kubera ibihuha bica ku mbuga ngurukanabumenyi kuri rwo ni Grace.
Ni umuforoma w'indwara zifatira mu mutwe mu kigo kijejwe ubuvuzi mu Bwongereza NHS, bivugwa ko wewe yaronkejwe urucanco zigitangura gutangwa.
Uyu mugore w'imyaka 25 wo mu karere ka Milton Keynes avuga ati: "Nari maze igihe kirekire ntashaka no kurwumva".
"Izi mbuga hwaniro zavuga ayamuhe, zibwira abirabure ko bazoba ingumba, bashaka kutumara twese".
Uretse ko ata vyemezo ko izi ncanco zitera ibibazo mu bijanye n'ivyo irondoka haba ku bagore canke ku bagabo, abahinga bavuga ko ivyo bidashoboka.
Ibivugwa ku mbuga hwaniro bitandukanye n'ibi ni ibinyoma.
N'aho ivyo bihuha vyamutesheje umutwe cane, Grace ntiyatevye kubona ko ata bundi buryo bwo gusubira mu buzima busanzwe utaronse urucanco - ari co gituma yahavuye yemera kuruterwa.
Sharnie Crooks ni umunyeshure ava i Londes, akaba yafashe ingingo yo kwirengagiza urucanco muri uyu mwanya, "kubera gusa rumaze igihe gito".
Uyu mwigeme w'imyaka 19 aratinya ko rushobora kuzomugirira ingaruka mbi muri kazoza kubera rukozwe ningoga rugashirwa kw'isoko gihutihuti.
Ati: "Jewe ku bwanje numva umengo igihugu carihuse cane kwemeza uru rucanco, rero nico gituma nahisemwo kurindira kugira ngo habanze hakorwe ubundi bushakashatsi".
Avugira muri iki kiganiro, Tosin Sotubo, umuganga w'umwiraburekazi, avuga ko yumvise ibintu nk'ibi vyose bivugwa ku rucanco kandi ko yumvise abafise amakenga nk'aya Sharnie.
Ati: "abantu bafise amakenga ko uru rucanco rwihutishijwe cane, bibaza nimba tutariko turarugerageza, nimba koko tuzi ingaruka mbi rushobora kugira, mu gihe abandi nabo bafise amakenga ashingiye ku kwemera".
Muganga Tosin aremeza ko vyabaye ngombwa ko abanza akicara akiyumvira we nyene ubwiwe ku bijanye n'ingene uru rucanco rwihutishijwe.
Ariko avuga ko abantu bakwiye gutahura ko "ubushakashatsi n'ishingiro ry'urucanco vyari bisanzwe biri mu vyariko birakorwa imyaka itari mike" ibihugu vyo kw'isi bikaba vyaciye bishiramwo amafaranga menshi kugira ngo hahingurwe incanco za Covid kandi ku murindi munini.
"Izi ncanco nta ntambwe n'imwe zasimvye, zaraciye mu nzira zose zikenewe ku bijanye n'umutekano wazo nk'uko bigenda ku zindi ncanco zose".
Kandi uru rumaze kwemezwa igenzura rirabandanya kugira ngo barabe ko rutohava rugira izindi ngaruka mbi canke ingorane zindi muri kazoza.
Avuga ko ikindi kintu gitera amadidane, ari ubudasa bumaze igihe kirekire mu bijanye n'amagara y'abantu hagati y'abazungu n'inkehwa atari abazungu, nk'ibijanye n'urugero rw'impfu z'abavyeyi bapfa bariko baribaruka.
Abakenyezi b'abirabure mu Bwongereza barakunze gupfa bivuye ku ngorane bagira mu gihe co kwibungenga no kuvyara ugereranije n'abagore b'abazungu nk'uko vyerekanwa n'icegeranyo cakozwe mu 2019.
Dr Tosin agira ati: "Rero iyo ubonye ubwo budasa n'ingene abirabure ari bo bakunze kugira ibibazo ugereranije na bagenzi babo b'abazungu, uteregerwa kwibaza nimba koko turiko turakora uko twategerezwa gukora".
"Dutegerezwa kuvugana n'abirabure tukabigisha, tukabereka aho ukuri kuri".
Avuga ko rimwe na rimwe bisa nk'aho "ibinyoma bikwiragira cane gusumba uwu mugera", akongerako ati: "Biratangaje ingene ikinyoma gishobora guhanahanwa kugera kure kandi ugasanga ari co cabaye 'ukuri'."
Hagati aho, arahimiriza abantu kwakira izi ncanco: "Uterwa uru rucanco ku nyungu z'isi yose".