Italy - IS: Ibihugu 40 vya Afrika mu nama yo kugwanya iterabwoba

Abaturage bo muri Beni nyuma y'ubwicanyi bwakozwe iwabo n'umutwe wa ADF

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abaturage bo muri Beni nyuma y'ubwicanyi bwakozwe iwabo n'umutwe wa ADF

Abashikiranganji b'imigenderanire b'ibihugu 40 barahurira i Roma kuri uyu wa mbere kugira baganire ku makenga y'ingene umugwi wa Islamic State (IS) ugenda wongereza inguvu ku mugabane wa Afrika.

Mu gihe IS iriko iratakaza inguvu muri Syria na Irak, inguvu z'abagwanyi b'uwo mugwi zigenda ziyongera kuri uwo mugabane.

Ubutaliyano buvuga ko IS iteye umutekano muke mu karere ka Méditerranée.

Ubwongereza buvuga ko bushobora gutanga uburyo bwinshi mu ntumbero yo kugwanya imigwi ifitaniye ubucuti na IS muri Afrika y'uburengero, ifise uruhara mu bwicanyi buba muri Tchad, Cameroun na Nigeria.

Hagati aho IS yatangaje ko ari yo ifise uruhara muri bombe yaturikiye mw'isengero ya Katolika mu gisagara ca Beni mu buseruko bwa RD Congo itariki 27 z'ukwezi kwa gatandatu.

Bubaye ubwa mbere hategwa inyubakwa y'ishengero Katolika i Beni.

Mw'itangazo, IS yavuze ko abagwanyi babo baturikije ibombe mw'isengero mu karere ka Butsili, hapfa abantu babiri hakomereka n'abandi benshi.

Iryo tangazo IS yarisohoye mw'izina ry'ico yise ishami rya "Central Africa Province"(Intara ya Afrika yo hagati), yashinzwe mu kwezi kwa kane mu 2019 ikaba irimwo na RD Congo.

Abategetsi ba Congo bafashe ingingo yo kwugara amasoko, amashure n'amasengero mu kiringo c'amasaha 48 i Beni inyuma y'aho habereye ivyo bitero.

Umukuru w'igisagara ca Beni, Narcisse Muteba yagize ati: "Amashure, amasengero n'amasoko bizoguma vyugaye amasaha 48".

Yasavye kandi ko abashaka kwinjira muri ico gisagara bategerezwa kwitwaza ibibaranga.

Mw'itangazo, igisirikare cavuze ko "umwiyahuzi yiturikirijeko bombe ku w'Imana iruhande y'akabare yaturuka muri Uganda, akaba yitwa Ngudi Abdallah, akaba yari yegereye cane umutware wiwe azwi kw'izina rya Amigo".

ADF n'abagwanyi b'aba Islam bo muri Uganda bafashe ibirindiro mu buseruko bwa Congo haraheze imyaka irenga 25, aho intara za Kivu ya ruguru n'iyo bihana urubibe ya Ituri zashizwe mu mategeko nk'ayo intambara itariki 6 z'ukwezi kwa gatanu.