Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwoko bushasha bw'abantu ba kera cane bwatowe muri Israel
- Umwanditsi, Inkuru ya Pallab Ghosh
- Igikorwa, Akurikirana ivya Science
Abashakashatsi bakorera muri Israel babonye ubwoko bw'umuntu butari bwatorwe gushika ubu bwabayeho bubangabanganwa n'ubu bwacu mu myaka ibihumbi 100 iheze.
Bibaza ko ivyo bisigarira vyatowe hafi y'igisagara ca Ramla ari ivyo ababaye abanyuma babayeho muri ubu bwoko bw'abantu wa kera cane.
Ivyo bisigarira vy'abantu vyatowe himbwe ahahora igitanga (sinkhole). Ibihumbi vy'ibikoresho vy'amabuye n'ibisigarira vy'ibikoko navyo vyaratowe .
Ivyatowe bigizwe n'igice c'agahanga n'umubangabanga vy'umuntu yabayeho haraheze imyaka iri hagati y'ibihumbi 140 n'ibihumbi 120.
Ido n'ido ry'ivyatowe rvyasohotse mu kinyamakuru 'journal Science'.
Abagize uwo mugwi w'abashakashatsi bibaza ko uwo muntu yamuka ku bundi bwoko bwari bwabayeho imbere bugakwiragira hose mu karere haraheze imyaka ibihumbi n'ibihumbi, hanyuma buza kuvamwo umurwi w'abantu bitwa Néandertaliens/Neanderthals bw'i Buraya n'ubwo bugereranywa muri Asia.
Ubwo bwoko bushasha bwatowe, abahinga babwise "Nesher Ramla Homo".
Dr Hila May wo muri kaminuza ya Tel Aviv avuga ko gutora ivyo bisigarira bitanga isura nshasha y'ukungene umuntu yagiye arahindagurika, cane cane ingene aba Neanderthals babayeho. Muri kahise, ishusho y'ukuntu umu Neanderthal yagiye arahindagurika vyajanishijwe cane n'umugabane wa Buraya.
Yabwiye BBC News ati: "Vyose vyatanguriye muri Israel. Tuvuga ko umugwi w'aho hantu ariwo wamutseko abahabaye. Mu gihe c'ubushuhe hagati y'ibihe vy'ibishiga vy'amazi (interglacial), imipfunda y'abantu, aba Nasher Ramla, bavuye mu burasurazuba bwo hagati baja i Buraya."
Abagize uwo mugwi w'abahinga bibaza ko aba mbere bo muri uwo mugwi wa Nesher Ramla Homo bari basanzwe bariho mu burasirazuba bwa hafi ( Near East) nko mu myaka 400 iheze. Abashakashatsi babonye ko hari ibisa hagati y'ivyatowe bishasha n'imigwi y'abavuyemwo Neanderthals i Buraya.
Dr Rachel Sarig nawe wo muri kaminuza ya Tel Aviv avuga ati: "Ubu nibwo bwa mbere dushoboye gushira isano hagati y'ivyagiye biratorwa bitandukanye muri Levant".
Levant ni akarere kari mu buseruko bw'ikiyaga Méditerranée, mu ntango kari kagizwe na Syria na Libani, n'aho ubu karimwo n'ibihugu nka Palestine, Israël, Jordania, Turukiya, Irak na Misiri.
''Hari ibisigarira vyinshi vy'abantu vyatowe mu masenga ya Qesem, Zuttiyeh na Tabun bifise imyaka nk'ivyo vyatowe ubu vuba tutashoboye gushira mu mugwi uwo ari wo wose w'abantu. Ariko dugereranije imforo yabo n'iya Nesher Ramla baherutse gutora, birasigura igituma boshirwa mu mugwi mushasha w'abantu".
Dr May yibaza ko aba bantu ari ibisokuruza b'aba Neanderthals.
"Aba Neanderthals b'i Buraya ubundi batanguriye ng'aha muri Levant hanyuma batera baja i Buraya, aho hose bagenda baravyarana n'iyindi migwi y'abantu".
Umwigisha Israel Hershkovitz we avuga ko kandi bateye bagenda mu buseruko baja mu Buhindi no mu Bushinwa, akabona ko hari isano hagati y'abantu ba kera bo muri Asia y'ubuseruko n'aba Neanderthals b'i Buraya.
Avuga ati: " Uko ibisigarira vyatowe muri Asia y'Ubuseruko bifoye, niko n'ivya Nesher Ramla bimeze."
Abashakashatsi bafatira ivyo bemeza kw' isano ry'imforo hagati y'ibisigarira vyo muri Israel n'ivyatowe i Buraya na Asia, n'ubwo ivyo bemeza bidahurizwako.
Umwigisha Chris Stringer, wo mu nzu ndangamurage y'ivya kahise i Londres, ubu vuba aherutse kwihweza ibisigarira vy'abantu vyo mu Bushinwa.
Avuga ati: "Nesher Ramla arakomeye mu kwemeza ko hari ubundi bwoko bwabayeho bubangabanganwa n'ubundi muri iyo ntara muri ico gihe.
Ubu naho tukaba turonse inkuru nk'iyo nyene muri Asia y'uburengero."
"Ariko nibaza ko uba ugiye kure muri iki gihe ushize isano hagati y'ibisigarira vyo muri Israel na Neanderthals. Biranansiga kuba hari abashira isano hagati ya Nesher Ramla n'ibisigarira vyo mu Bushinwa."
Ibisigarira vya Nesher Ramla vyo nyene vyatowe ahahora hari igitanga (sinkhole), kiri mu karere kagenderwa n'abantu b'imbere y'igihe cacu.
Aka gashobora kuba karabaye akarere bahigamwo ibikoko vyo mw'ishamba, ifarasi n'iimpongo , nk'uko vyerekanwa n'ibihumbi vy'ibikoresho vy'amabuye n'amagufa y'ibikoko vyahizwe.
Hafatiwe ku mwihwezo wa Dr Yossi Zaidner kuri kaminuza Hebrew University of Jerusalem, ibi bikoresho vyakozwe mu buryo bumwe nk'uko abantu ba none b'ico gihe bakora ibikoresho vyabo.
"Vyaratangaje ingene abantu bo mu mamuko bakoresha ibikoresho ubundi bikunze gusanishwa na Homo sapiens. Ibi bishatse kuvuga ko iyo migwi ibiri yagirana imigenderanire'', nk'uko bivugwa na Dr Zaidnner.
"Twibaza ko inzira imwe yo nyene yo gushobora kwiga ingene uhingura ibikoresho ari kuba uriko uraraba canke ubwirwa ingene bikorwa. Ivyo twatoye bivuga ko ikurikirana (evolution) ry'ingene umuntu yagiye arahinduka ritoroshe kandi ryabayemwo ugutatana kwinshi kw'umuntu, uguhura n'ukugiriranira imigenderanire hagati y'ubwoko butandukanye bw'abantu."
Kurikira Pallab okuri Twitter.