Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
CPI/ICC: Fatou Bensouda avuga ko abatyoza iyi sentare bayagiriza ko irwanya Africa
Umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha (ICC/CPI), Fatou Bensouda yabwiye BBC ko hariho abagiriza ko iyi sentare ikurikirana abanyafrika gusa, akavuga ko iki ari kimwe mu bivugwa n'abadashimishwa n'ibikorwa vyayo mu ntumbero yo kuyityoza.
Uyu munyamategeko akomoka muri Gambia yiteze gusezera muri aya mabanga kuri uyu wa gatatu ku cicaro c'iyi sentare kiri i La Haye/ The Hague.
Yari uwa kabiri ajejwe aya mabanga muri iyi sentare yashinzwe mu 2002.
Mu manza zose 30 iyi sentare imaze guca gushika ubu, zose ni iz'abanyafrika, ariko umupfasoni Bensouda avuga ko ibiro vyiwe ubu vyariko bikora amatohoza ku biriko bibera mu turere dutandukanye tw'isi.
Muri utu turere harimwo Georgia, Afghanistan, Palestina, Myanmar, Bangladesh, Venezuela hamwe na Philippines.
Avugana na BBC mu kiganiro Focus on Africa ku bijanye n'igenda ryiwe, Bensouda yavuze ati: "Intumbero ya CPI si ukwizizira umugabane kanaka. Yisunga ivyemezo bihari".
Avuga ku vyo yaranguye, yavuze ko imanza yakurikiranye zaciriye inzira amategeko mpuzamakungu ku bijanye no gukurikirana ivyaha bijanye n'ihohotera rishingiye ku gitsina.
Nk'akarorero, mu 2019, uwahoze arwanya ubutegetsi muri Congo, Bosco Ntaganda, yabaye uwa mbere CPI yakubiswe intahe mu gahanga ku caha co gufata abantu akabagira abacakara bo gusambanya.
Hariho aho iyo sentare yananiwe, nk'akarorero kweza uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu wa Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, Jean-Pierre Bemba, hamwe na Laurent Gbagbo yahoze ari umukuru w'igihugu wa Cote d'Ivoire.
Iyi sentare kandi yarananiwe no gukurikirana urubanza rujanye n'imigumuko yabaye muri Kenya mu matora yo mu 2007.
Bensouda ati: "Iyi ni sentare kandi muri sentare iyo ari yo yose hariho ukwambika izera no gukubita intahe mu gahanga ababuranywa".
"Nivyo ko nk'ibiro bijejwe gukurikirana ivyaha dutegerezwa kurondera ivyemezo tukabishikiriza abacamanza…hagati aho iki ni igikorwa catugoye cane.
"Ariko n'aho biri uko, twarakoze ivyo twategerezwa gukora nk'abashikirizamanza mu manza zose, harimwo n'izitashoboye gucibwa".
Kuri uyu wa gatatu niho vyitezwe ko umwongereza Karim Khan ashikirizwa amabanga yo gusubirira umupfasoni Bensouda.