Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ivory Coast: Perezida Ouattara yemereye Laurent Gbagbo gusubira mu gihugu
Umukuru w'igihugu ca Côte d'Ivoire avuga ko uwahoze arongoye iki gihugu Laurent Gbagbo hamwe na soma mbike wiwe Charles Blé Goudé bafise uburenganzira bwo gusubira mu gihugu.
Perezida Alassane Ouattara yatangaje ibi inyuma y'indwi imwe Sentare Mpuzamakungu mpanavyaha (CPI/ICC) yemeje kugirwa umwere kwa Gbagbo mu rubanza rwari rumuhanze.
Yari yagirizwa ivyaha vy'agahomerabunwa bikorerwa kiremwa muntu vyo mu ndyane zadutse inyuma y'amatora yabaye muri ico gihugu haciye imyaka irenga cumi.
Abantu barenga 3000 barishwe muri izo ndyane zakurikiye amatora yo mu 2010 yaranzwe n'impari zikomeye.
Uruhande rwose rwavuga ko ari rwo rwatsinze amatora, maze Gbagbo nawe yanka kuva ku butegetsi ku neza atangajwe ko we n'umugambwe wiwe Front Populaire Ivoirien (FPI) batsinzwe.
Inyuma y'imyaka irenga cumi arongoye iki gihugu, yagiye kuvanwa ku butegetsi ku nguvu ku wa 11 z'ukwa kane 2011 aca ajanwa gupfungirwa i La Haye ku cicaro ca CPI.
Laurent Gbagbo w'imyaka 75, ubu yari asanzwe aba mu Bubigiri inyuma yo kwezwa ubwa mbere na CPI/ICC mu 2019.
Azotegerezwa guhabwa uturusho n'utundi dushirukabute dusanzwe duteguriwe abahoze ari abakuru b'igihugu ca Côte d'Ivoire.