US yafatiye ibihano Fatou Bensouda kubera itohoza rya CPI ku byaha muri Afghanistan

Leta Zunze Ubumwe za Amerika zafatiye ibihano abategetsi bakuru ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha (ICC/CPI), harimwo n'umushikirizamanza mukuru, Fatou Bensouda.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Mike Pompeo, yagiriza iyi sentare ko "yagerageje gushira Amerika mu murwi w'ibihugu bica imanza zidakurikije amategeko".

Muri kino gihe, iyi sentare ifise icicaro i La Haye iriko ikora amatohoza ku ngabo za Amerika ku vyaha vyo mu ntambara zoba zarakoze muri Afghanistani.

Amerika ntiyigeze yerekwa iyi sentare kuva ishingwa, kandi ni kimwe mu bihugu bitari bike bitigeze bitera umukono kw'ishingwa ryayo ngo vyemeze ko biyinjiyemwo.

Balkees Jarrah, umuhanuzi mukuru mw'ishirahame ryigenga Human Rights Watch, ariyamiriza ivyo bihano, akavuga ko ari "ikintu giteye isoni gisuzuguza Amerika mu gihe yiyemeje guha ubutungane abakorewe ivyaha".

Aciye ku rubuga rwa Twitter, umupfasoni Jarrah yanditse avuga ko ibi bihano vya Amerika biteye kubiri n'ibihano bisanzwe bifatwa na Amerika, ibihano bifatwa mu ntumbero yo guhana abahonyanze uburenganzira bwa muntu be n'abakoresha ububasha bafise mu guhohotera abanyagihugu, ariko ubu bikaba bifatiwe abajejwe gukurikirana abakoze amabi y'intambara.

Iyi sentare yashizweho na ONU mu 2002 mu ntumbero yo gutohoza no guhana abakoze ihonyabwoko, ivyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu hamwe n'ivyaha vyo mu ntambara, ikagira uruhara mu gihe abayobozi b'ibihugu badashobora canke biboneka ko batazohana ababikoze.

Gushika ubu, ibihugu 123 nivyo bimaze gutera umukono ku masezerano ashiraho iyo sentare, harimwo n'Ubwongereza.

Hagati aho, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, co kimwe n'ibihugu vy'Uburusiya, Ubushinwa n'Ubuhindi, vyaranse kwinjira muri iyo sentare, mu gihe ibihugu bimwe bimwe vya Afrika navyo biyagiriza ko yashinzwe kugira ngo icire imanza Abanyafrika.

None ibi bihano ni nyabaki?

Mu kwa gatandatu, Perezida Donald Trump yarasohoye itegeko bwirizwa riha uburenganzira Amerika gufata amatungo y'abakozi ba CPI be no kubima impusha zo kwinjira mu gihugu (visas).

Avugana n'abanyamakuru ejo ku wa gatatu, Bwana Pompeo avuga ko umupfasoni Bensouda na Phakiso Mochochoko, umuyobozi w'igisata kijejwe ubucamanza, kwuzuzanya n'ugufashanya, bafatwa n'ibi bihano.

Mu gihe yagiriza CPI ko ari "urwego rwapfuye nabi kandi rwamunzwe n'ibiturire", asigura ko abo bose "babandanya bashigikiye aba bantu nabo nyene bashobora kuzofatirwa ibihano".

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika kandi bwarahagaritse gutanga impusha ku bakozi ba CPI bafise uruhara mu "gukora amatohoza ku banyamerika".

Igihe Perezida Trump asohora iryo tegeko bwirizwa mu kwa gatandatu, CPI yararyiyamirije ivuga ko ari "irindi terabwoba n'ibikorwa vy'agahato" ikorewe.

Mw'itangazo yasohoye, CPI yavuze ko "Kurwanya CPI ari ukurwanya inyungu z'abakorewe amabi y'agahomerabunwa, mu gihe kuri benshi muri bo iyi sentare ari yo mirukiro ya nyuma kugira batunganirizwe".

Fatou Bensouda ni nde?

Umupfasoni Bensouda yahoze ari umushikiranganji w'ubutungane wa Gambia, igihugu yamukamwo, akaba yasubiriye Luis Moreno-Ocampo nk'umushikirizamanza mukuru wa CPI, kuko yari asanzwe ari icegera ciwe mu kiringo cose yamaze.

Yarabaye kandi umuhanuzi mukuru muri sentare yashinzwe na ONU yo gucira imanza abagize uruhara mw'ihonyabwoko ryo mu Rwanda mu 1994.

Mu gihe yaguye akarere k'ibikorwa vya CPI kugira ngo ashobore gukora amatohoza no mu bindi bihugu birangwamwo imishamirano - mbere iki kikaba ari co cashavuje Amerika - Afrika niyo imuraje ishinga cane cane.

Kugeza ubu imanza zose CPI imaze guca ni iz'Abanyafrika gusa - uwa mbere yaciriwe urubanza akaba ari umukuru w'umurwi w'inyeshamba muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Kongo, Thomas Lubanga, kubera ivyaha vy'intambara mu 2012.

Hagati aho, umupfasoni Bensouda amaze gutsindwa akatari gake. Aha twovuga nk'ingingo yo kweza uwahoze ari Perezida wa Cote d'Ivoire, Laurent Gbagbo ku vyaha vy'intambara mu mwaka wa 2019, hamwe n'ihagarikwa ry'ibirego vyo guhonyanga agateka ka zina muntu vyari vyagirijwe umukuru w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta mu 2014.

None kuri Amerika CPI iriko itohoza iki?

Mu ntango z'uno mwaka, CPI yatanguye gukora amatohoza ku vyaha vy'intambara vyakozwe na Amerika n'ibindi bihugu mu ntambara yo muri Afghanistani.

Iyi sentare irafise ububasha bwo gusohora imitahe yo guhagarika abagirizwa canke kubarengutsa mu gihe abashikirizamanza begeranije ivyemezo bikwiye kandi batoye n'abagirizwa. Ico gihe, niho bashobora gufata ingingo yo kwuguruza urubanza muri sentare iyo bafise ivyemezo bikwiye.

Iki gihe, Bwana Pompeo yiyemeje gukingira Abanyamerika kugira ngo ntibakorweko amatohoza, avuga ko "ari umugambi w'incamugongo uteguwe n'urwego rutabifitiye ububasha, urwego rushingiye ku nyungu za politike, ariko rukiyita ko rwemewe n'amategeko".

Mu 2016, CPI yarasohoye icegeranyo cavuga ko hari ivyemezo ko igisirikare ca Amerika cakoreye iyica rubozo impfungwa zari zipfungiwe mu busho bwo mu kinyegero bwegukira ikigo CIA.

Amabi yakozwe n'abarwanyi b'abatalibani, leta ya Afghanistani hamwe n'abasirikare ba Amerika kuva mu kwa gatanu 2003 yitezwe kwigwa neza n'iyo sentare.

Igihugu ca Afghanistani gisanzwe kiri muri iyo sentare ariko abategetsi baco nabo nyene bariyamiriza ayo matohoza.