Inama ya G7 yemeje integuro yo gusohora amafaranga kugira ihangane na China

Abategetsi b'ibihugu bitunze kurusha ibindi kw'isi bihurikiye mu citwa G7 bemeje integuro yo gufasha ibihugu bikenye n'ibiri mu nzira y'amajambere mu bikorwa vy'iterambere, ni mu ntumbero yo guhangana n'Ubushinwa.

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko ashaka ko umugambi wo gufasha ibihugu bikenye ushigikiwe na Amerika, wiswe Build Back Better World (B3W), uba uwo ku rwego rwo hejuru ugasubirira umugambi nk'uwo w'Ubushinwa.

Umugambi w'Ubushinwa uzwi nka Belt and Road Initiative (BRI), uramaze gufasha ibihugu bitari bike mu kubironsa amagari ya moshi, kwubaka amabarabara n'ibivuko.

Ariko ni umugambi unegurwa cane, uvugwa ko winjije ibihugu mu madeni y'umurengera.

Mw'itangazo basohoye inyuma y'inama yariko ibera mu karere ka Cornwall mu Bwongereza, abategetsi ba G7 bavuga ko bazoshira imbere ubucuti bushingiye ku "kwubahiriza indangagaciro, bwo ku rwego rwo hejuru hamwe no gukorera mu muco".

Hagati aho, ntibatomora iyo amafaranga azova mu gushira mu ngiro uwu mugambi. Umushikiranganji wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel avuga ko batari bwagere ku gihe co gusohora amafaranga.

Amerika iranegura cane Ubushinwa ku nteguro yabwo y'ugukomeza igifatwa nk'imigenderanire "ishingiye ku madeni".

Abategetsi ba G7, umurwi w'ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw'isi bivuga ko bishira imbere intwaro rusangi, bavuga kandi ko biyemeje gushiraho iyindi nteguro y'ingingo zo kurwanya ibindi biza bishobora kwiyadukiza muri kazoza.

Muri izi ngingo harimwo kugabanya ikiringo co gukora no kwemeza incanco n'imiti yo kurwanya Covid-19 kikaja musi y'imisi ijana. Kuri uyu wa Mungu niho bategekanya gutangaza iyi nteguro, hampande y'itangazo rirangiza iyi nama barimwo.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson niwe arongoye iyi nama y'imisi itatu iriko ibera mu karere ka Carbis Bay.

Ni ibiki ibihugu vy'uburengero bw'isi vyoba bimaze gukorera Ubushinwa gushika ubu ?

Mu ntango z'uno mwaka, Amerika, Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya, Ubwongereza hamwe na Canada vyafatiye ibihano Ubushinwa.

Ibi bihano vyafatiwe abategetsi bo hejuru mu ntara ya Xinjiang bagirizwa ihonyanga ry'agateka ka zina muntu bakorera aba Islam bo mu bwoko bw'aba Uyghur, muri vyo hakaba harimwo ukubuza ingendo muri ivyo bihugu hamwe no gufata amatungo yabo.

Abantu barenga umuriyoni bo mu bwoko bw'aba Uyghur z'izindi nkehwa nibo bazwi ko bapfungiwe mu makambi ari muyi iyo ntara yo mu buraruko bushira uburengero bw'Ubushinwa.

Reta y'Ubushinwa yagirizwa gutera ubugumba abagore b'aba Uyghur no gusambura imiryango, mu gutandukanya abana n'abavyeyi babo.

Itohoza ryakozwe na BBC ryashizwe ahabona mu kwa kabiri ririmwo amakuru yemeza ivyaha vyo gufata ku nguvu, ihohotera rishingiye ku gitsina hamwe n'iyicarubozo bikorerwa abapfungiwe muri ayo makambi.

Ubushinwa bwaciye bwihora mu gufatira ibihano abategetsi b'aba nya Burayi.