Ikofe kuri Macron: Igitabo ca Hitler n'ibirwanisho vyaratowe mu nzu y'uwagirizwa

Bivugwa ko abajejwe amatohoza batoye ibirwanisho n'igitabu ca Hitler cerekana politike yiwe y'urwanko ku Bayahudi kizwi nka Mein Kampf mu nzu y'umwe mu bagirizwa gukubita ikofe (urushyi mu kinyarwanda) Perezida Emmanuel Macron mu gihe yari ku rugendo rw'akazi.
Aba bagabo bompi bafise imyaka 28 bafatiwe hanze y'inzu y'uburaro y'ishure riri mu munanuko bushira ubuseruko bw'Ubufaransa.
Imihana yabo yarasatswe inyuma y'iki gitero ku mukuru w'igihugu c'Ubufaransa mu karere ka Tain-l'Hermitage.
Iki gitabo n'ibi birwanisho bivugwa ko vyafatiwe mu nzu y'umugabo yikekwa ko yafashe amashusho y'iki gitero kuri Macron.
Mu birwanisho bivugwa ko vyafatiwe muri iyo nzu, harimwo inkota, imbugita ikoreshwa mu ntambara, hamwe n'inkoho yari atunze biciye mu mategeko.
Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa yarirutse aja kuramutsa ikirwi c'abanyagihugu bari bakoraniye inyuma y'uruzitiro rw'imvyuma, umwe muri bo aca amukubuta ikofe, abamucungera baca baratabara.
Umuvugizi wa Perezida Macron arahakana amakuru avuga ko yari yaburiwe ko atokwegera abo bantu.
Gabriel Attal ati: "Umukuru w'igihugu azobandanya abonana n'abanyagihugu b'Ubufaransa amaso mu yandi, co kimwe n'abandi bagize reta".

Ahavuye isanamu, EPA
Haciye amasaha makeya inyuma y'ivyabaye, Perezida Macron yavuze ko ako ari "akantu gasanzwe" kandi ko "abantu b'intagondwa" badashobora kwemererwa guhagarika ibiganiro vy'abanyagihugu.
Ni ba nde bikekwa?
Umugabo wa mbere yagirizwa gukubita umukuru w'igihugu, azwi ko akunze kwitaho kumenya ibijanye n'abantu bakomeye bagendera ku vyiyumviro vya kera, amateka y'intwaro ya cami, hamwe na kahise k'Ubufaransa mu gihe ca "Moyen Âge/Middle Ages".
Kuri konte yiwe ya Instagram, yivuga ko ari mw'ishirahamwe rihuza abaharanira amateka y'abahinga mu kurwana ku mugabane wa Buraya, hariko n'amasanamu yiwe yambaye imyambaro yo muri Moyen Âge, afise n'inkota ndende.
Ariko nk'uko bivugwa n'umwe mu bagenzi biwe, Loïc Dauriac, "nta poritike arimwo", kandi ko n'aho yamukubise rirya kofe atari kamere yiwe.
Uyu yagirizwa ko yamukubise yumvikana avuga n'ijwi rinini ngo "Montjoie na Saint-Denis! Ntitugikeneye ivya Macron".
N'aho yamukibise avuga n'amajambo yakoreshwa mu ngwano mu gihe ca Moyen Âge, abihweza ibintu n'ibindi mu Bufaransa bibazako yariko yigana uwahoze akina udukino two gutwenza two muri Moyen Âge nyene, mw'ireresi yiswe Les Visiteurs (The Visitors) yasohotse kuva mu 1993.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imbere gatoya y'ivyabaye, yahagararanye n'abandi bagabo babiri bariko bagirana ikiganiro na televiziyo, aho umwe muri bo yavuze ati: "Hariho ibintu uba ushaka kumubwira [Macron] ariko ku gihamana kibi bikanka...itembagara ry'Ubufaransa".
Imihana y'aba bantu bagirizwa isanzwe iri mu kigwati co mu karere ka Tain-l'Hermitage yarasatswe inyuma y'iki gitero co ku wa kabiri.
Uwa kabiri muri aba bagabo avugwa ko na we nyene akunda ubuhinga bwo kurwana bwo mu gihe ca Moyen Age.










