Umukuru wa France Emmanuel Macron yakubiswe ikofe mu maso

Ahavuye isanamu, EPA
Umukuru w'Ubufaransa Emmanuel Macron yakubiswe ikofe mu maso ari mu rugendo rw'icese mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubufaransa.
Muri video iriko irahererekanywa ku mbuga hwaniro, Macron aboneka ariko agana ibariyeri mu rugendo arimwo muri Tain-l'Hermitage, hanze y'igisagara ca Valence.
Umugabo yambaye umupira w'urwatsi rutoto akubita ikofe prezida Macron mu maso imbere y'uko abacungera umukuru w'iguhugu baja hagati.
Hagati aho umukuru w'igihugu aca avanwaho.
Abagabo babiri bafashwe kubera ivyo vyabaye, nk'uko bivugwa n'ibinyamakakuru vyo mu Bufaransa.
Bivugwa ko uwo mugabo yumvikanye avugira hejuru ngo "nta vya Macron ngaho" igihe yakubita umukuru w'igihugu, kandi ngo "Montjoie, Saint-Denis", ijambo ryakoreshwa ku rugamba mu Bufaransa mu cahora ari ingoma y'Ubufaransa, vyibutsa icapa c'Umwami Charlemagne.
Muri iyo video Macron yasubiye akanya gato kuri iyo bariyeri ivyo bimaze kuba yongera aganira n'abanyagihugu.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa

Gushika ubu umwidondoro n'icatumye uwo mugabo akora ivyo ntibiramenyekana neza. Ubutegetsi bw'aho bwavuze ko we n'uwundi muntu bariko barasambishwa muri gendarmrie , nk'uko biri mw'itangazo ryavuzwe mu nkuru y'itororokanirizo AFP.
Umumenyeshamakuru umwe wo mu Bufaransa yanditse kuri twitter ko abajejwe umutekano baciye bamera magabo ku mabarabara ya Valence inyuma y'iryo kofe.
Ni inde acungera prezida Macron?
Abakuru b'Ubufaransa bacungerwa n'umugwi ujejwe umutekano w'ibiro vy'umukuru w'igihugu uzwi nka GSPR.
Washizweho mu 1983 ukaba uvugwa ko ugizwe n'abagabo n'abagore 77 bakungira Macron iyo ari mu manza.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu babifashe gute?
Abanyaporitike bihuse kwiyamiriza ivyo vyabaye.
Umushikiranganji wa mbere Jean Castex yabwiye inama nshingamateka haheze akanya bibaye ko mu gihe demokrasi isigura guharira no kudahuza birekuwe "ntitegerezwa na rimwe gusigura intureka, kwifatira umuntu mu gahanga mu majambo, ikitavuzwe co ni ukumugirako igitero".
Umukuru wa extreme gauche Jean-Luc Melenchon yanditse kuri twitter ko "yifatanije n'umukuru w'igihugu" buno neyene akimara gukubitwa ikofe.
Nawe umukuu wa extreme droite Marine Le Pen yandiytse avyiyamiriza, avuga ko "mu gihe impari za demokrasi zihobora gukariha, ntizishobora kwihanganira intureka."

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida Macron ariko aragendera igihugu cose akaba kuri uyu wa kabiri yari yagendeye ishuri ry'ihoteri muri Tain-l'Hermitage. Urugendo rwiwe muri ako karere rwari rutegekanijwe kubandanya , nk'uko abategetsi babivuga, akaba yari kubandaniriza mu kigo cigisha imyuga abafise hagati y'imyaka 25 na 30.
Urwo rugendo rw'umukuru w'igjhugu rubaye buca haja mu ngiro ingingo ikomeye yerekeye ubunywero n'uburiro , ubu bigiye gushobora kwakira aba kiriya imbere mu nyubakwa inyuma y'amezi indwi vyugaye.
Ingingo yo kudatembera ijoro mu Bufaransa nayo guhera ku wa gatatu igiye kwigizwa imbere ive isaha zitatu z'ijoro ishirwe isaha 5 z'ijoro nyene.
Prezida Macron yandite kuri twitter ati amaze kugendera iryo shuri ry'ihoteri: "Ejo , hazoterwa iyi ntambwe.
"Ubuzima buzosubira kuba mu ntara zacu zose!"










