Abubakar Shekau: Umurwi uhanganye na Boko Haram uvuga ko umukuru wayo yapfuye

Abubakar Shekau

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Si bwo bwa mbere umukuru wa Boko Haram, Abubakar Shekau, atangazwa ko yapfuye

Umukuru w'umurwi wiyitirira idini rya Islam muri Nigeria Boko Haram, Abubakar Shekau, yariyahuye, nk'uko bivugwa n'umurwi uhanganye nayo mw'ijwi wasohoye.

Muri iri jwi ryashikirijwe ibinyamakuru, umurwi Islamic State West Africa Province (ISWAP) uvuga ko Shekau yapfuye yiturikirijeko ikibombe inyuma y'intambara hagati y'iyo mirwi ibiri.

Shekau yavuzwe ko yapfuye mu kwezi guheze, akavugwa ko ari we nyene yiyishe.

Yaba Boko Haram canke reta ya Nigeria nta ruhande na rumwe ruremeza urupfu rwiwe.

Iri jwi rivuga iki neza na neza?

Muri iri jwi bitazwi igihe ryafatiwe, ijwi ryoba ari iryo umukuru wa ISWAP Abu Musab al-Barnawi rivuga ko Shekau "yiyahuye yiturikishirijeko ikibombe".

Abarwanyi ba ISWAP baramuhize bikomeye baranamuha akaryo ko kwigarura akifatanya nabo, nk'uko bivugwa na al-Barnawi.

Ati: "Shekau yahisemwo kumaramara mu buzima budahera haguhitamwo kumaramara akiri kw'isi".

Igihe amakuru y'urupfu rwa Shekau yatangura gukwiragira mu kwezi guheze, igisirikare ca Nigeria cavuze ko cari gukora amatohoza.

Umuvugizi wa gisirikare Général de Brigade Mohammed Yerima yabwiye BBC ico gihe ko igisirikare cariko kirihweza ivyari vyabaye, ariko ko ata tangazo cari gusohora gushika kironse ivyemezo bifadika.

Umumenyeshamakuru yegereye inzego zijejwe umutekano yavuze ko Shekau yapfuye igihe ISWAP yatera ibirindiro vya Boko Haram mu kibira ca Sambisa kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Hagati aho, uyu mukuru wa Boko Haram amaze gutangazwa ko yapfuye incuro zitari nke ariko bakaza babona arasokorotse.

Uyu Abubakar Shekau ni nde?

Amaze guhabwa uburongozi bwa Boko Haram inyuma y'aho uwayitanguje apfiriye mu gasho k'igipolisi mu 2009, Shekau yashoboye kwubaka uyo muhari kuva hasi gushika aho uba umuhari ukora ubwicanyi bukomeye ubandanya wiha inkumbi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Abubakar Shekau

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abubakar Shekau yamye akoresha amavidewo mu kwigisha integuro yiwe y'ubwicanyi, aha yiyerekanye afise inkoho ahantu hatazwi muri Nigeria

Ku burongozi bwa Shekau, Boko Haram yateguye ibitero vy'amabombe, inyuruza abantu yongera ibomora amabohero muri ako karere.

Kuva mu 2014, yatanguye kwifatira ibisagara kugira ngo ashinge reta ya ki-Islam igendera kw'itegeko rya Islam, Sharia.

Shekau, azwi ko yari mu myaka ya 40, yarashigikiye isekeza ry'ubwicanyi ryihishije inyuma y'idini rya Islam hakoreshejwe ama videwo yagereranywa n'ayahora akoreshwa na Osama Bin Laden.

Muri videwo yo mu 2012, yavuze ati: "Ndaryoherwa n'ukwica... nk'uko ndyoherwa ndiko ndakerera inkoko n'intama".

Kuva atanguye kurongora uyu muhari, abantu barenga 30.000 baramaze kugandagurwa, abarenga imiliyoni zibiri nabo barata izabo.

Uyu muhari wagiye kuboneka nk'akaga kw'isi igihe unyuruza abana b'abigeme baharurwa mu majana kw'ishure rya Chibok muri reta ya Borno, maze haca havuka isekeza ryo gusaba ko barekurwa ryacishijwe ku rubugua rwa Twitter, ku rupfunguruzo #BringBackOurGirls. Abenshi muri bo gushika ubu barabuzwe irengero.

Haciye akanya gato, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zaciye zishira Shekau ku rutonde rw'abakora "iterabwoba kw'isi", zica zishira agatwe kiwe ku miriyoni indwi z'abanyamerika ku muntu azomwica canke akerekana aho ari kugira afatwe canke yicwe.

Integuro ya Shekau yari iyo ububisha ku buryo yiyamirijwe n'umuhari Islamic State, uca uvavanura na Boko Haram hanyuma ushinga umuhari ISWAP mu 2016.

None hokurikira iki kuri Boko Haram?

Abihweza ibintu n'ibindi babona ko mu gihe urupfu rwa Shekau rwokwemezwa, ntawuzi nimba bishobora kuba ari iherezo rya Boko Haram.

Kuva iwiyonkoyeko, ISWAP yabandanije ihiga buhongo umuhari Boko Haram kugira ntubandanye uboneka ko ari wo muhari ukomeye mu karere.

Hari ababona ko urupfu rwa Shekau rushobora gutuma imishamirano hagati y'iyi mihari ibiri irangira, maze ISWAP ikigarurira abarwanyi ba Boko Haram, ariko hari n'abandi babona ko badashobora kudohoka ku vyiyumviro vyiwe.

Jacob Zenn, umukuru w'ishami rijejwe kwegeranya amakuru mu kigo Jamestown Foundation Terrorism Monitor, yabwiye BBC ati: "Hari ukutumvikana hagati y'abanywanyi ba Shekau, ku bijanye no kwinjira muri ISWAP canke kurwanya SIWAP".

"Nta nteguro yigeze iba ku cokorwa mu gihe umukuru w'uyu muhari yopfa. Ubu bisa n'uko ugiye kuba mu gihe c'akajagari".