Umwamikazi azobanana na Prezida Joe Biden ku ndwi iza.

    • Umwanditsi, Na George Bowden
    • Igikorwa, BBC News

Umwamikazi azobonana na Prezida wa Amerika Joe Biden n'umutambukanyi wiwe Jill Biden ku ndwi iza, ku ndwi iza, nk'uko ikirimba ca Buckingham cabimenyesheje.

Uwo mubonano uzobera ku kirimba ca Windsor ku wa mungu itariki 13 ukwezi kwa gatandatu, uhuriranye n'uko hazoba harangiye urugendo rwa prezida Biden mu Bwongereza aho azoba yitavye inama y'abakuru b'ibihugu 7 vyambere bitunze cane kw'isi, G7.

Biden azoba abaye umukuru wa Amerika agira 12 azoba abonanye n'Umwamikazi nk'uwuri ku ngoma mu Bwongereza.

Yarabonanye n'uwo Biden yasubiriye Donald Trump n'umutambukanyi wiwe Melania Trump ku kirimba ca Buckingham mu 2019.

Umwamikazi, ubu afise imyaka 95, yabonanye ubwa mbere n'umukuru wa Amerika ari ku butegetsi , Harry S Truman, akiri Umuganwakazi Elizabeth mu 1951.

Kuva ico gihe nta mukuru n'umwe yatowe kurongora Amerika batarabonana mu myaka 69 amaze ku ngoma, kiretse Lyndon B Johnson wenyene.

Biden n'umutambukanyi wiwe bararungitse ubutumwa bwo guhoza Umwamikazi igihe yabura umugabo wiwe, Duc wa Edimburgh, mu kwezi kwa kane.

Bavuze ko bagumiza umuryango w'i bwami ''mu mitima yacu muri ibi bihe".

Iyo nama ya G7 i Cornwall izoba ariyo ya mbere Biden yitavye hanze ubwiwe, kubera ikiza ca coronavirus camubujije gutembara hanze ya Amerika kuva yinjiye ibiro vya Maison Blance (White House).

Ikirimba ca Buckingham cavuze mw'itangazo rigufi ko : "Umwamikazi azobonana na prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'umutambukanyi wiwe Jill Biden ku kirimba ca Windsor ku wa mungu itariki 13 ukwezi kwa gatandatu mu 2021."