Umwamikazi azobanana na Prezida Joe Biden ku ndwi iza.

Umwamikazi na Joe Biden

Ahavuye isanamu, Getty Images/Reuters

    • Umwanditsi, Na George Bowden
    • Igikorwa, BBC News

Umwamikazi azobonana na Prezida wa Amerika Joe Biden n'umutambukanyi wiwe Jill Biden ku ndwi iza, ku ndwi iza, nk'uko ikirimba ca Buckingham cabimenyesheje.

Uwo mubonano uzobera ku kirimba ca Windsor ku wa mungu itariki 13 ukwezi kwa gatandatu, uhuriranye n'uko hazoba harangiye urugendo rwa prezida Biden mu Bwongereza aho azoba yitavye inama y'abakuru b'ibihugu 7 vyambere bitunze cane kw'isi, G7.

Biden azoba abaye umukuru wa Amerika agira 12 azoba abonanye n'Umwamikazi nk'uwuri ku ngoma mu Bwongereza.

Yarabonanye n'uwo Biden yasubiriye Donald Trump n'umutambukanyi wiwe Melania Trump ku kirimba ca Buckingham mu 2019.

Umwamikazi, ubu afise imyaka 95, yabonanye ubwa mbere n'umukuru wa Amerika ari ku butegetsi , Harry S Truman, akiri Umuganwakazi Elizabeth mu 1951.

Kuva ico gihe nta mukuru n'umwe yatowe kurongora Amerika batarabonana mu myaka 69 amaze ku ngoma, kiretse Lyndon B Johnson wenyene.

Biden n'umutambukanyi wiwe bararungitse ubutumwa bwo guhoza Umwamikazi igihe yabura umugabo wiwe, Duc wa Edimburgh, mu kwezi kwa kane.

Bavuze ko bagumiza umuryango w'i bwami ''mu mitima yacu muri ibi bihe".

Iyo nama ya G7 i Cornwall izoba ariyo ya mbere Biden yitavye hanze ubwiwe, kubera ikiza ca coronavirus camubujije gutembara hanze ya Amerika kuva yinjiye ibiro vya Maison Blance (White House).

Ikirimba ca Buckingham cavuze mw'itangazo rigufi ko : "Umwamikazi azobonana na prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'umutambukanyi wiwe Jill Biden ku kirimba ca Windsor ku wa mungu itariki 13 ukwezi kwa gatandatu mu 2021."

Umwamikazi Elizabeth na prezida wa Amerika Dwight D Eisenhower mu kwezi kw'icumi mu 1957

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwamikazi yabonanye n'umukuru wa mbere wa Amerika nk'uwuri ku ngoma , Dwight D Eisenhower, kuri Maison Blanche mu kwezi kw'icumi mu 1957
Umwamikazi ari kumwe na prezida wa Amerika John F Kennedy

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Yakiriye inkerebutsi John F Kennedy ku kirimba ca Buckingham mu kwezi kwa gatandatu mu 1961
Umwamikazi na Richard Nixon, Ted Heath na Patricia Nixon

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwamikazi yarabonanye na Richard Nixon n'umugore wiwe Patricia bari kumwe n'umushikiranganji wa mbere Edward Heath kuri Chequers, aho umushikiranganji wa mbere ashikira mu gihugu hagati , mu 1970
Umukuru wa US Ronald Reagan ariko agendera kw'ifarasi ari kumwe n'Umwamikazi i Windsor mu kwezi kwa gatandatu mu 1982

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Ronald Reagan yamaze akanya agendera kw'ifarasi be n'Umwamikazi mu ntangaro ya Windsor mu 1982
Prezida George W Bush n'Umwamikazi kuri Maison Blanche mu 2007

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwamikazi yarakiriwe n'uwari prezida ico gihe George W Bush kuri Maison Blanche mu 2007
Umwamikazi na Donald Trump mu 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwamikazi yarabonanye na Donald Trump kabiri mu kiringo c'ubutegetsi bwiwe, harimwo ku munsi mukuru wo kwibuka wa D-Day i Portsmouth mu 2019