Turkey: Uwutavuga rumwe n'ubutegetsi 'yanyurujwe' muri Nairobi aca aratahukanwa

Inzego zijejwe umutekano muri Turukiya zafashe umwishwa wa Fetullah Gulen indongozi w'idini rya Islam asanzwe aba mu buhungiro zica ziramutahukana, nk'uko ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bibivuga.

Selahaddin Gulen yagirizwa kuba mu muhari utemewe n'amategeko usanzwe urongowe na sewabo.

Itangazo ryasohowe ntiryamenyesheje aho yafatiwe.

Ariko umugore wiwe Serriye, umwigisha muri Kenya, yavugiye mw'ireresi yacishije ku mbuga hwaniro ko umugabo wiwe yabuzwe irengero ku mugwa mukuru Nairobi mu ntango z'ukwezi kwa gatanu.

Itororokanirizo ry'amakuru muri Turukiya, Anadolu, yasohoye isanamu ya Gulen yambitswe amapingu, ari hagati y'amabendera ya Turukiya i buryo n'ibubamfu bwiwe.

Iki kinyamakuru ntikivuga nimba urwego rwa Turukiya rujejwe igendereza (MIT) rwamuhagaritse habaye umwumvikano na Kenya.

Ariko umuryango wiwe wemeza ko abategetsi ba Kenya bafashije abakozi ba Turukiya mu kunyuruza no gutahukana Selahaddin Gulen.

Uwuburanira umuryango wiwe, Jotham Arwa, yabwiye BBC ko umuryango uzi ko Selahaddin Gulen yasubijwe muri Turukiya inyuma y'iminsi ibiri anyurujwe muri Kenya ku wa 03 z'ukwa gatanu, atwarwa n'indege bavuga ko bazi neza.

Selahaddin Gulen yari yagiye muri Kenya mu kw'icumi kw'umwaka uheze aje kwubaka urwiwe. Amaze kunyuruzwa umuryango waciye utanga urwandiko (petition) rusaba sentare ya Kenya ngo ihagarike ingingo yo kumusubiza mu gihugu.

Umuryango uvuga ko ugiye gusohora urundi rwandiko rwo gusaba insiguro z'ukungene Gulen yavuye mu gihugu mu gihe igitabu c'inzira ciwe cari kikiri u minwe ya sentare.

Sewabo Fetullah Gulen yagirizwa ko ari we yari kw'isonga ry'itembagazwa gisirikare ry'ubutegetsi bwa Turukiya ryapfuvye mu 2016 ryahitanye ubuzima bw'abantu 251 abandi barenga 2000 barakomereka.

Aba bagabo bompi barahakana ivyo bagirizwa muri ryo tembagazwa ry'ubutegetsi ryapfuvye.

Abayoboke ba Fetullah Gulen bamufata nk'indongozi yabo mw'idini, rimwe na rimwe agafatwa nk'umuntu aza ubwa kabiri mu bantu bakomeye cane muri Turukiya.

Umuhari wiwe wiwe Gulen urongoye amashure n'amashirahamwe atari make muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika aho asanzwe aba muri kino gihe.

Turukiya ifata umuhari Gulen nk'umurwi w'iterabwoba, ikaba yawise Umuhari w'Iterabwoba wa Fetullah (Fethullahist Terror Organization mu congereza).

Prezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya yagiriza Fetullah Gulen ko ari we yateguye itembagazwa gisirikare ry'ubutegetsi bwa Turukiya ryapfuvye mu mu 2016 ryahitanye ubuzima bw'abantu 251 abandi barenga 2000 barakomereka..

Mu gihe ahakana ko ata ruhara yabigizemwo, Fetullah Gulen asanzwe aba muri Amerika nk'impunzi kuva habaye uko kugerageza gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Erdogan, Turukiya ikaba ibandanya gusaba Amerika ko imusubiza mu gihugu.

Kuva ico gihe haba iryo tembagazwa ry'ubutegetsi, Perezida Erdogan arabandanya yirukana abikekwa kurigiramwo uruhara.

Abakozi ba reta barenga 100.000 baramaze kwirukanwa canke guhararikwa vy'agateganyo, harimwo abigisha n'abacamanza, bagirizwa ko bafitaniye imigenderanire na Fetullah Gulen.

Abatari bake mu bagirizwa kurigiramwo uruhara baramaze gucirwa imanza, amasentare akaba amaze gucira imanza z'ugupfa abantu barenga 2500.

Turukiya iramaze guhagarika abatari bake bagirizwa kuba mu muhari Gulen baba mu mahanga, cane cane muri Afrika no mu karere ka Balkans (akarere kari mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Uburayi).