US: Ni nde yoba ari inyuma y'ibitero ku Bayahudi?

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Na Max Matza
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC, Washington
Mu gihe imisi iheze yaranzwe n'intambara zikomeye hagati ya Israel na Gaza, Abayahudi mu bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bahuye n'ibitero vyo kubarwanya ku rugero rutari bwigere ruboneka mu gihe c'iyindi mishamirano y'imbere y'aha mu karere k'Uburasirazuba bwo hagati.
Ihohoterwa ryakorewe Abayahudi b'abanyamerika ryaribonekeje mu burere bwose muri ya misi 11 y'intambara hagati y'abanya Israel n'abanya Palestina yagiye kurangira habaye amasezerano yo kuyigaharika ku wa 20 z'uku kwa gatanu.
Muri ubu bugizi bwa nabi, harimwo ibitero vyakozwe ku Bayahudi bariko barafungura i Los Angeles, aho bagiye babona baterwa n'akarwi k'abantu bafise amabendera ya Palestina, ivyakozwe ku Bayahudi b'aba orthodox mu gisagara ca New York - igisagara gituwemwo n'Abayahudi benshi gusumba ahandi kw'isi ukuyemwo Israel - hamwe rero n'igishusho c'aba Nazi camanitswe ku rusengero rwo muri Alaska muri ino ndwi.
Imyiyerekano yo gushigikira abanya Palestina hamwe n'ubwononyi mu masengero y'Abayahudi vyaribonekeje muri Illinois na Florida.
Ku wa mbere, Perezida Joe Biden yacishije ubutumwa bwiwe kuri Twitter avuga ati: "Ibitero biheruka ku Bayahudi ni agahomerabunwa kandi bitegerezwa guhagarara".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igiporisi c'igisagara ca New york kivuga ko muri uno mwaka habaye ibitero 80 vyo kurwanya Abayahudi, ugereranije na 62 bo mu mwaka uheze mu kiringo nk'iki.
Kivuga ko vyabaye ngombwa ko bongereza umutekano mu turere tubamwo Abayahudi cane caneb'aba Orthodox aho imyambaro yabo ibaranga ituma baboneka n'ingoga bigatuma vyoroha guterwa.
Urunani rujejwe kurwanya ityoza (Anti-Defamation League, ADL) rusanzwe rukurikirana amabi akorerwa Abayahudi, ruvuga ko amakuru rwaronse mu bigo vyarwo 25 biri mu turere dutandukanye ku mabi akorerwa abayahudi yiyongereye ku rugero rwa 75% kuva intambara hagati ya Israel n'abanya Palestina yadutse.
Ibiharuro vyavuye kuri 127 mu ndwi zibiri imbere y'uko intambara yaduka bishika kuri 222 imaze kwaduka.
Oren Segal, icegera c'umukuru wa ADL, avuga ko ibitero nk'ibi vyagiye biba mu ntamabra zo muri kahise hagati ya Israel n'abanya Palestina.
Ati: "Mu bisanzwe si ibintu bitangaje kubina ibi bitero vyiyongera kubera amajambo mabi n'uburakari biterwa n'intambara".
Muri amerika, hari n'ikindi kibazo gifitaniye isano n'urwanko ku Bayahudi: idini ry'abayuda (Judaism).
Abanywanyi b'iri dini bava mu mpande zose za poritike, ariko rimwe na rimwe abanka Israel, igihugu conyene kw'isi c'abayahudi, baritiranya Israel n'idini rya Judaism

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'ikigo ADL, Oren Segal, avuga ko imbuga hwaniro nazo nyene zagize uruhara rukomeye mw'iyongerekana ry'ubu bukozi bw'ikibi bukorerwa abayahudi.
Umwigisha Yehudah Mirsky wo kuri kaminuza ya Brandeis asanzwe ariko aranonosora akahise k'Abayahudi ba kino gihe, avuga ko kurwanya Abayahudi muri Amerika vyabandanije ku rugero "ruto, ruto cane" mu zindi ntambara zabaye muri Israel - mu 1967, mu 1973 hamwe no mu migumuko y'abanya Palestine mu myaka ya za 1990 na 2000.
Mirksy agira ati: "Twarabonye ibintu nk'ibi imbere y'aha. Haracari kare kobufatanya, ariko ibi vy'ubu bisa n'ibirengeje urugero".
None ni igiki gituma Abayahudi barwanywa cane?
Icegeranyo ngarukamwaka casohowe na ADL mu kwa kane cerekana ko mu 2020 habaye ibitero 2.024 vyo kurwanya Abayahudi, bikaba vyamanutse ku bice 4% ugereranije n'ivya 2019.
Kuva ikigo ADL gitanguye kwegeranya ibitigiri mu 1979, umwaka uheze wagize gatatu uranzwe n'ibitero, agatotezo n'ubwononyi birenze urugero vyakorewe Abayahudi b'abanyamerika.
Abahinga bavuga ko ibitero biheruka vyabaye umurengera mu gihe abashigikiye abanya Palestina bagiriza Abayahudi b'abanyamerika ko ari bo ntandaro ya poritike mbi ya Israel.
Abenshi mu barwanya Abayahudi muri Amerika bava mu ntagondwa zanka abanyamahanga, harimwo na wa muntu yagandagura abantu 11 n'inkoho mu rusengero rw'Abayahudi rwa Pittsburgh mu 2018.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Oren Segal avuga ko amajambo amwe amwe y'abanyaporitike ashobora gutuma urwanko ku bayahudi rwiyongera muri Amerika.
Atanga akarorero ku mushingamateka w'umugore wo muri Georgia, Marjorie Taylor Greene, aherutse kugereranya ingingo yo kwambara udupfukamunwa na rya honyabwoko ryakorerwa Abayahudi (rizwi nka Holocaust) ryahitanye Abayahudi imiriyoni zitandatu.
Ati: "Umutegetsi uwo ari we wese, yaba uwugendera ku vyiyumviro ibi canke biriya, akinisha amajambo akoreshwa n'abantu barwanya abayahudi, iyo ni ingorane".
"Mu gufata urwanko ku Bayahudi nk'ikintu gisanzwe, jewe ku bwanje nibaza ko ari vyo bituma urwanko ku Bayahudi rwiyongera gusumba ukuntu abantu bibaza".











