Israel-Gaza: Ubwoba bw'intambara mu gihe intureka yakomeye

Insiguro ya video, Haribazwa ikigiye kuba mu gihe Isiraheli na Hamas bashize mu migere

Uguterana ibisasu biriko birahitana abantu hagati y'abanya-Palestina bo mu gace ka Gaza n'igisirikare ca Israel vyakomeye cane, ubu ONU ikaba ifise ubwoba "bw'intambara yeruye".

Ubu ibisasu vya roketi birenga 1000 biramaze guterwa n'abanya-Palestina mu masaha arenga 38, nk'uko bivugwa na Israel, vyinshi bikaba bigwa Tel Aviv.

Israel nayo yagavye ibitero amajana vy'indege, mu bimaze gusamburwa harimwo amagorofa maremare abiri abamwo abantu muri Gaza ku wa kabiri no ku wa gatatu.

Nibura abanya-Palestina 43 n'abanya-Israel 6 baramaze gupfa kuva kuwa mbere.

Aho harimwo abana 13 b'abanya-Palestina baguye mu mporero z'intambara.

Umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yavuze ko ''ahagaritswe umutima cane" n'ibiriko biraba.

Umunya-Israel yishwe igihe igisasu gituritsa imodoka carasiwe mu buraruko bw'agace ka Gaza, cagema imodoka ya jeep ku mupaka. Abandi bantu batatu bakomeretse.

Igisirikare ca Isiraheli cagavye ibitero vy'indege mu karere ka Gaza itariki 10/05/2021

Ahavuye isanamu, MAHMUD HAMS/GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Isiraheli cagavye ibitero vy'indege mu karere ka Gaza itariki 10/05/2021

Mu bamaze gupfa ku ruhande rwa Israel bivugwa ko barimwo kandi umugabo w'imyaka 52 n'umukobwa wiwe w'imyaka 16 baguye mu gisagara ca Lod hafi ya Tel Aviv igihe roketi yagwa ku mudoka yabo.

Muri Gaza abantu batanu b'umuryango umwe baguye mu gitero c'indege ca Isreal. Amabarabara yuzuye ibihomoka aho amazu yasenyutse, imodoka nazo zikaba zacucumanzwe canke zirasha.

Israel ivuga ko yakoze ivyo bitero kugira yice abategetsi bakuru ba Hamas muri Gaza.

Abarabu b'abanya-Israel nabo bagize imyiyerekano irimwo intureka mu bisagara bitari bike muri Israel. Lod hafi ya Tel Aviv yashizwe mu bihe vy'amategeko adasanzwe.

Ministre wa mbere Benjamin Netanyahu yavuze ko reta ija gukoresha inguvu zose ifise mu gukingira Israel abansi bayo hanze no ku bagumutsi imbere.

A man looks at the damage in the aftermath of overnight Israeli airstrikes on Gaza City

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umugabo ahagaze araba ivyononekeya muri Gaza inyuna y'igitero c'indege za Israel mw'ijoro

Iyo ntambara ibaye haheze iminsi haguma hiyongera icuka kibi gikongerezwa n'ugutana mu mitwe hagati y'igipolisi ca Israel n'abanya-Palestina bagira imyiyerekano ku kibanza co muri Jerusalem gisanzwe ari ceranda haba ku ba Islam haba no ku Bayahudi.

Israel iviga ko uko kurasana arikwo kwa mbere gukomeye kuva mu 2014.

Ku bisasu vya roketi na muzinga 1.050 bimaze kuraswa biva muri Gaza, 850 vyaguye muri Israel canke birategererwa n'ubuhinga bwo kwivuna bwitwa Iron Dome air defence system, 200 ntivyashobora kurenga urubibe bigaruka kugwa muri Palestina nk'uko bivugwa n'igisirikare ca Israel.

Amasanamu ya video yerekanye roketi ziriko zirashwara ikirere c'ijoro, zimwe zituritswa na misile zo kwivuna za Israel.

Inzamba zumvikanye zisamirana mu bisagara vyariko biraterwa nka Tele Aviv, Ashkelon, Modiin, n'ico mu bumanuko ca Beersheba igihe abanya-Palestina bariko baragerageza gusukira vyinshi kugira misire za Israel zirengerwe.

Israel's Iron Dome anti-missile system fires interceptor missiles as rockets are launched from the Gaza Strip towards Israel

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ubuhinga bwa Israel bwo kwivuna bwitwa Iron Dome defence system burashe misire yo gutegerera mu kirere roketi ziterwa ziva mu gace ka Gaza

Anna Ahronheim, umunyamamuru wa Jerusalem Post, yabwiye BBC ati: "Kwumva ibisasu amajana bitegerewe mu kirere, kwumva roketi zigwa impande yacu biteye ubwoba".

Ukurasa ibisasu vya roketi kwiyongereye cane aho hasenyuriwe amagorofa abiri muri Gaza.

Israel yavuze ko yarondera ahatererwa roketi, amazu maremare, inzu n'ibiro bikoreshwa na Hamas, umugwi witwara gisirikare urongoye Gaza.

Ikarata yerekana Isiraheli n'agace ka Gaza
Insiguro y'isanamu, Ikarata yerekana Isiraheli n'agace ka Gaza

Hamas yavuze ko yababajwe cane "n'umwansi atumbereza inzu zibamwo abantu".

Abahaba bari bahawe imburi yo kuva muri izo nyubakwa imbere y'uko indege zitera, ariko abategetsi bajejwe amagara bavuga ko hari abantu basanzwe baguyemwo.

Amakungu yasavye impande zompi guhagarika gutuma ibintu biyangara, mu gihe hari ubwoba ko bishobora gushika aho bitoba bikigarurwa.

Intumwa ya ONU ku kibazo c'amahoro mu burasirazuba bwo hagati, Tor Wennesland, yavuze ko impande zompi ''ziriko ziragana intambara yeruye".