Burundi: Ubwicanyi ku miduga yatezwe i Muramvya, umunani ‘bishwe n’abasuma’

Abantu umunani baraye bishwe mu gitero c'abasuma bitwaje ibirwanisho mu ntara ya Muramvya, nk'uko bimenyeshwa n'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere.

Buvuga ko hari n'abakomeretse n'ibintu vyibwe.

Amakuru yakwiragijwe ku mbuga hwaniro avuga ko hafi y'umugwa mukuru wa Muramvya (Muramvya) hari abantu bitwaje ibirwanisho bategereye amamodoka bakayarasa.

Vyabereye ku birometero bine uvuye ku gisagara ca Muramvya aho nk'igice c'isaha 19h35 ku wa Mungu uyo murwi wategereye imodoka zine zariko zija i Bujumbura, nk'uko ubu bushikiranganji bubimenyesha.

Imyidondoro y'abishwe ntiyatangajwe n'ubu bushikirangaji bujejwe umutekano., ariko ikinyamakuru cigenga Iwacu, kivuga ko mu bishwe harimwo intwazangabo Liyetena Koroneri Onesphore Nizigiyimana n'umukobwa wiwe.

Umugore wiwe n'uwundi mukobwa wiwe nabo barakomereka.

Candika kandi ko hari n'umukozi w'ibanki nkuru y'Uburundi yishwe.

Mu majwi yakwijwe ku mbuga hwaniro, bamwe mu bari aho ubu bwicanyi bwabereye bavuga ko hari zimwe muri izi modoka zaturiwe.

Aciye ku rubuga rwa Twitter, Perezida Evariste Ndayishimiye aremesha imiryango yabuze, akavuga ko ari ibigeragezo bitazoreka kubaho, ariko akagabisha ko « uwo bizovako » agowe, ko azotuzwa.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati, umutekano n'iterambere bumenyesha ko amatohoza yatanguye.

Ibi bibaye ata kwezi kurahera habaye ubundi bwicanyi nk'ubu muri komine Rusaka y'intara ya Mwaro ihana urubibe na Muramvya, aho abantu indwi bagandaguwe n'abantu batamenyekanye.