Abahitanywe na Covid-19 bamaze kurenga imiriyoni zitatu kw'isi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu bamaze guhitanwa na ca kiza karanda ca Covid-19 kw'isi barenze imiriyoni zitatu, nk'uko bivugwa n'ishure kaminuza Johns Hopkins rikurikiranira hagufi iki kiza.
Ibi bimeze uku mu gihe umukuru w'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS/WHO, agabisha ko isi "iriko yegereza igitigiri kitari bwabeho c'abandura" gushika ubu.
Ubuhindi - igihugu gihanzwe n'ubwoko bugira kabiri bwa coronavirus - catangaje ko abantu barenga 230.000 ari bo banduye ku musi w'ejo wa gatandatu wonyene.
Hafi abantu imiriyoni 140 nibo bamaze kwandura uwu mugera kuva wadutse.
Ku wa gatanu, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus arongoye OMS yagabishije ko "ibitigiri vy'abandura n'abapfa bibandanya biduga ku rugero ruteye ubwoba".
Yongerako y'uko "mu mezi abiri aheze, ibitigiri vy'abandura ku ndwi vyiyongereye hafi incuro zibiri kw'isi".
Ishure kaminuza Johns Hopkins rivuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubuhindi na Brezil - ibihugu bifise abanduye benshi gusumba ibindi kw'isi - vyonyene biteranije ibitigiri vy'abamaze guhitanwa n'uwo mugera barenga umuriyoni.
Itororokanirizo ry'amakuru AFP rivuga ko mu ndwi iheze, abantu bashika 12.000 kw'isi yose bahitanye n'iki kiza.
Hagati aho, ibitigiri bitangwa n'ibihugu vyinshi kw'isi bishobora kuba atari vyo.
Umugambi wo gucandaga wifashe gute kw'isi?
Amadoze arenga imiriyoni 800 y'incanco za coronavirus aramaze guhabwa abantu mu bihugu 165 kw'isi yose.
Hagati aho, Dr Tedros yabwiye abategetsi ba ONU ku wa gatanu ati: "Ubusumbasumbane mu bijanye no kuronswa incanco nico kibazo nyamukuru muri kino gihe - kandi turiko turananirwa".
Ibihugu bimwe biramaze kuronka no gucandaga abanyagihugu bavyo batari bake.
Ivyo bihugu bifise ibitigiri binini vy'abanyagihugu bavyo bamaze gucandagwa, aha harimwo nk'Ubwongereza na Israel, bifise agahengwe kuko ibitigiri vy'abandura vyagabanutse cane rwose.
Abahinga bo kw'ishure kaminuza Imperial College London bavuga ko isekeza ry'ugucandaga ririko riragabanya abandura, abapfa n'abinjizwa ibitaro.
Muri iyi ndwi, umuganga akomeye w'umunya Israel yavuze y'uko yemera ko Israel - aho abarenga igice c'abanyagihugu bose bamaze gucandagwa - iri mu gushika ku rugero rw'aho igihugu cose kizoba gikingiwe.
Ibi rero biri uko mu gihe hari ibihugu vyinshi bikirindiriye kuronswa incanco za mbere.
Ibi nivyo vyatumye OMS igabisha ko hari ubusumbasumbane mu kuronswa incanco, aho biboneka ko zitariko zitangwa ku rugero rumwe hagati y'ibihugu bitunze n'ibikenye.
Dr Tedros avuga ko mu bihugu bitunze, ica kane (1/4) c'abanyagihugu bamaze gucandagwa, mu gihe mu bihugu bikenye ari umwe ku bantu amajana ane (1/400).
OMS iriko ikorana n'umugambi mpuzamakungu covax, mu guhimiriza ko ibihugu bitunze vyosangiza incanco ibihugu bikenye. Gushika mu mpera z'unwo mwaka, covax itegekanya ko yoba imaze gutanga imiriyaridi zibiri z'amadoze kw'isi yose, gusa incanco zimwe zisaba ko umuntu aterwa doze zibiri.
Abahinga kandi bafise impungenge ku kuntu izi ncanco ziriko ziratangwa ubu zidashobora kurwanya ubwoko bushasha bw'iyi ndwara bukwirakwira ku muvuduko udasanzwe.
Hariko harakorwa ubushakashatsi kugira ngo incanco zisubirwemwo kugira zishobore kurwanya ubwoko bushasha bw'umugera.
Prof. Adam Finn ari mu murwi w'Ubwongereza ujejwe incanco (JCVI), avuga ko yiteze ko incanco zigiye kugenda zita inguvu buke buke uko uwu mugera uzogenda uhinduka.










