Covid-19: Prezida wa Uganda Yoweri Museveni yitwariye ikinyamakuru Daily Monitor

Ahavuye isanamu, Getty Images
Prezida Yoweri Museveni wa Uganda yashengeje mu butungane ikinyamakuru cigenga Daily Monitor, akiziza kwandika inkuru ko we n'abamwegereye bahawe urucanco rwa Covid-19 mu mpisho.
Daily Monitor casubiyemwo inkuru yanditswe n'ikinyamakuru Wall Street ko prezida Museveni n'abamwegereye bicandagishije mu mpisho Covid-19, imbere y'uko abandi banyagihugu baronka urwo rucanco.
Ico kirego ca prezida yatanze muri sentare nkuru kivuga ko iyo nkuru y'ico kimenyeshamakuru yanditswe mu ntumbero yo kumukorera ikibi n'ibigirankana.
Ico kirego kiravuga kandi ko iyo nkuru, yanditswe itariki 23 z'ukwezi kwa kabiri, cerekana prezida nk'umuntu atisonera yiha uburenganzira hamwe n'akagwi gafise amahigwe yo kuba kamwegereye, gucandagwa imbere y'abakozi bo muvyo amagara y'abantu bari imbere mu kugwanya ico kiza hamwe n'imigwi igeramiwe gusumba iyindi.
Mw'ijambo yashikirije igihugu incuro zibiri zitandukanye mu ndwi zibiri ziheze, prezida Museveni yasavye ico kinyamakuru gusaba ikigongwe ku rupapuro rwa mbere rwaco.
Ico kinyamakuru carisiguye kuri iyo nkuru mu ntango z'iyi ndwi.
Mw'ijambo yashikirije ku mboneshakure ku musi w'Imana, prezida yavuze ko acihweza urucanco bokoresha muri nyinshi zimaze kwemezwa.
Museveni yongeyeko ko ashaka ko ikirangamisi co gutanga incanco gitangurira ku bantu bageramiwe kurusha abandi, nk'abakozi bo muvyo amagara y'abantu.
Uganda iramaze kuronka incanco 860.000 za AstraZeneca, kandi abantu barenga 4.000, benshi muri bo bari mbere mu kugwanya coronavirus, baramaze gucandagwa.










