Ghana: umunyatugenegene yaciriwe umunyororo inyuma yo gukwiragira ifoto yiwe ari gusa

Ahavuye isanamu, Favour Nunoo/BBC Pidgin
Umunyatugenegene Rosemond Brown, azwi kw'izina rya Akuapem Poloo, yaraye aciriwe umunyororo w'amezi atatu inyuma yo gukwiragiza ku mbuga hwaniro isanamu yiwe yambaye ubusa ari kumwe n'umwana wiwe w'umuhungu.
Umucamanza ahejeje kumusomera urwo rubanza ku mugwa mukuru Accra, yaciye aturikisha ararira.
Muri iyo sanamu yashize ku mbuga mu kw'indwi kw'umwaka uheze igihe yahimbaza imyaka indwi umwana wiwe w'umuhungu yari amaze avutse, yari asutamye, amabere yiwe nayo azibiwe n'umushatsi wiwe muremure, araba uyo mwana wiwe yari yambaye agahuzu ko musi, amufashe amaboko.
Iyo sanamu yarakwiragiye cane ku mbuga hwaniro mbere abatari bake bayiteye ivyatsi.
Uyu mupfasoni asanzwe ashira amasanamu yiwe ku mbuga hwaniro ari kumwe n'umwana wiwe w'umuhungu, yasavye imbabazi, ariko biba ngombwa ko igiporisi kimurengutsa kugira ngo yisigure.
Niho mu nyuma, ishirahamwe Child Rights International riharanira agateka k'abana, ryaca risaba ko akurikiranwa n'ubutungane.
Ku wa gatatu, ubucamanza bwasanze yarakoze icaha co gukwiza ku mbuga ngurukanabumenyi ibiterasoni, icaha c'ihohotera rikorerwa mu ngo, hamwe no guteza isoni uwundi muntu - ari ho yaca atabwa mu mvuto.
Ivyo gusoma urwo rubanza vyungururijwe ejo ku wa gatanu mu gihe sentare yari ikirindiriye inyishu z'ibipimo vy'imbanyi, bikaba vyerekanye ko atayo afise.
Abunganira Akuapem Poloo hamwe n'umushikirizamanza, bompi basavye ko atocirirwa igihano co gupfungwa.
Ariko umucamanza yari arongoye intahe, Christiana Cann, yavuze ko igihano co gupfungwa cobera akarorero ku bandi banyagihugu kubera ubutabanga bubandanya bwibonekeza mu gihugu.
Hari bamwe bashigikiye ingingo y'umucamanza, n'aho bamwe mu bakoresha imbuga hwaniro baciye ku rubuga rwa Twitter basaba ko uyu mukinyi w'amareresi arekurwa, baciye ku rufunguruzo #ForgiveAkuapemPoloo na #FreeAkuapemPoloo
Ibihangange vyo muri Ghana, harimwo n'umunyamuziki wo mu mudiho wa rap, Sarkodie, bavuga ko coba ari igihano kirenze urugero gutandukanya umwana na nyina.
Umunyamuziki Stonebwoy na we avuga ko uyu mwana wiwe w'umuhungu yobabara cane mu gihe nyina wiwe yopfungwa. Yashize ubutumwa bwiwe kuri Twitter burimwo ireresi y'uyu mupfasoni ariko arasaba imbabazi.
Umushingwamanza mukuru wa Akuapem Poloo, Andy Vortia, yabwiye BBC ko ababuranira uyu munyatugenegene bazokwunguruza uru rubanza berekana ko areze umwana wenyene.
Ati: "Sentare ntiyigeze itegekanya uburyo bwo gutunga uyu mwana w'imyaka indwi mu gihe nyina yacariwe umunyororo, none ni nde azowkitaho uyu mwana mu gihe nyina azoba ari mu munyororo?"










