Kuki Instagram iriko irugara ama-comptes y'abakina ibiterasoni?

Ahavuye isanamu, Ginger Banks; Getty Images
Urubuga rwa Instagram rwarugaye ama-comptes amajana n'amajana y'abakina amareresi y'ibiterasoni n'abagurisha imibiri yabo. Benshi muri bo babona ko bariko barahohoterwa.
Alana Evans ni umwe muri bo akaba arongoye ishirahamwe Adult Performers Actors Guild rigizwe n'abakora uwo mwuga.
Asanzwe ari umwe mu bariko barwana urugamba rwo gusubirana imbuga zabo zugawe.
Yarashoboye kwegeranya amazina arenga 1300 y'abantu nk'abo bavuga ko ama 'comptes' yabo yafuswe n'abajejwe gukurikirana ivyandikwa kuri Instagram.
Babagiriza ko barenze amategeko ngenderwako y'urwo rubuga, n'aho atamasanamu yekerana ibitsina canke bari gusa bigeze bashirako.
Evans ati: "Baraduhohotera kubera badakunda akazi kacu katubeshejeho".
Iryo sekeza ryatumye mu kwezi kwa gatandatu bagiriranira inama n'abarongoye Instagram, inama yakurikiwe no gutera akamo kugira ngo ama comptes yugawe asubire kwugururwa.
Hagati aho, ivyo biganiro vyarahagaze mbere n'ayandi ma 'comptes' y'abakina amareresi y'ibiterasoni abandanya yugarwa.
Evans yarababajwe cane igihe compte ya Jessica Jaymes, umuhinga mu mareresi y'ibiterasoni, iyugariwe inyuma y'aho apfiriye mu kwezi kw'icenda.
Ati: "Aho mboneye compte ya Jessica yugariwe, umutima wanje warababaye cane".
Iyo compte isanzwe ikurikiranwa n'abantu barenga 900.000 yahavuye mu nyuma isubira kwugururwa.
Mu mpera z'umwaka wa 2018, abakina ayo mareresi bavuga ko hari umuntu canke akarwi k'abantu katanguje isekeza ryo kurobanura ama 'comptes' ku mbuga hwaniro, gafise intumbero yo kuyugaza.
Ginger Banks ni umwe mu baharanira uburenganzira bw'abakina amareresi y'ibiterasoni hamwe n'abagurisha imibiri yabo, akaba nawe nyene yarakozweko n'iryo sekeza.
Ati: "Iyumvire utaye umwanya n'inguvu zawe wugurura compte ikagira abantu 300.000 bayikurikirana, hanyuma ukaza wumva ngo yugawe, wewe wokwiyumva gute?"
"N'aho woba ukurikiza amategeko, impera n'imperuka usanga 'compte' yawe yagawe, ico nico kibabaje gusumba".
Banks avuga ko gufuta ama 'comptes' y'abantu nk'abo ku mbuga hwaniro kuba ari ukwica ubuzima bwabo.
Ati: "Abantu baturega ntibatahura ko baba bazibiye amasumiro yacu. Kubw'abo, ntitwategerezwa gukora aka kazi".
Ubuhinga bwa none bwuguruye imiryango
Ubuhinga bwa none bwaratumye abakina amareresi y'ibiterasoni hamwe n'abagurisha imibiri yabo baronka ubwisanzure, butuma bakora ata nzitizi.
Baronka uburyo bwo kwifata amareresi bakanayakwiragiza ata ngorane, bakanahamagarira abantu kwiyandikisha kugira babakurikirane.
Abenshi muri bo baca kuri Instagram kugira ngo bamenyekane bongere bamenyekanishe n'ivyo basanzwe bakora.
Iyo rero 'comptes' zabo zifuswe, batakaza abakiriya babo.

Ahavuye isanamu, @unitedstripper
Facebook iriregura
Umuvugizi umwe wa Facebook isanzwe ariyo ifise Instagram yabwiye BBC ati:
"Kubera dufise abantu benshi kw'isi bakoresha urubuga rwacu, ni ngombwa ko dushiraho amategeko ngenderwako acungera ko ata masanamu yerekana ubusa canke abantu barondera gukora ibiterasoni akwiragizwa.
Tugira ivyo kugira ngo ntihagire uwumva ko atsitajwe, cane cane urwaruka".
"Tuzofata ingingo mu gihe cose hazoba hari ibizoba biteye kubiri n'amategeko.
Gusa turatanga n'akaryo ko kwitwara iyo hari uwumva ko yarenganijwe, kandi compte tukayugurura iyo bibonetse ko twayugaye habaye ukwihenda".










