Burundi: Umuririmvyi Délégué Général arafunzwe kubera indirimbo yiwe "idahuje n'umuco"

Umuririmvyi Délégué Général

Ahavuye isanamu, Facebook Olegue délegue Géneral

Insiguro y'isanamu, Umuririmvyi Délégué Général

Umuririmvyi Olegue Baraka azwi kw'izina rya Délégué Général afunzwe kuva ku wa mungu, ejo ku wa kane yerekanywe n'igipolisi c'Uburundi.

Yagirizwa ivyaha vyo "gukwegera abantu mu buhumbu no guhungabanya imico y'ikirundi".

Ibi bifatiye ku masanamu y'ururirimbo gw'iwe yise "Delegue General" bavuga ko rurimo ibiterasoni.

Igipolisi kivuga ko kizokurikirana n'abandi bose bakinye muri iyo sanamu nk'abanyeshure nk'uko bivugwa n'ibimenyeshamakuru mu Burundi.

Amakuru y'uko uyu muririmvyi afunzwe yavuzwe bwa mbere ku wa mbere w'iyi ndwi ku mbuga hwaniro.

Ururirimbo rwiwe rurimwo urwaruka ruboneka nk'abanyeshure bakinira mu cumba c'ishure bambaye impuzu z'ishure.

Uru ruririmbo rwasohotse mu kwezi gushize k'umunani, ubu kuri Youtube, aho rukigaragara kugeza mu gitondo uyu munsi, rumaze kurabwa inshuro zirenga 25,000.

Abakinye muri iyi ndirimbo polisi nabo ngo izobabaza

Ahavuye isanamu, OLEGUE/YOUTUBE

Insiguro y'isanamu, Abakinye muri iyi ndirimbo polisi nabo ngo izobabaza

Ubwo yerekanwa n'igipolisi, uyu muririmvyi yumvikanye avuga ko asaba ikigongwe kuko yakoze iyi ndirimbo abakuru bakamubwira ko ari amakosa.

Mu gihe we ayikora ngo yumva ko ibiyirimwo ari ibintu bibaho.

Ku mbuga hwaniro, abantu bamwe bavuga ko uru ruririmbo nta kidasanzwe kirimwo kitabonetse mbere cotuma Olegue Baraka n'abagenzi biwe bafunzwe ubu.

Abandi bavuga ko akwiriye guhanwa kuko ayo masanamu ahushanye n'imico y'ikirundi.

Tambuka Facebook ubutumwa

Ibi ntibiboneka

Raba ibindi kuri FacebookBBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.

Impera ya Facebook ubutumwa