Kidum aracari Kidum! Nyuma y'indirimbo yiwe nshasha "Abatovyi"

Ahavuye isanamu, Kidum
- Umwanditsi, Robert Patrick Misigaro
- Igikorwa, BBC
Umuririmvyi rurangiranwa w'Umurundi, Jean Pierre Nimbona, azwi cane kw'izina rya Kidum, aheruka gusohora amasanamu y'indirimbo yiwe nshasha yise Abatovyi, yibutsa benshi intango ziwe.
Indirimbo "Abatovyi" Kidum yayiririmbanye n'uwundi mucuraranzi atari azwi cane w'Umurundi yitwa Ingabire Bright, batazira Don Bright, aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika i Phoenix, Arizona.
Ku bakurikiranye Kidum kuva kera agitangura kumenyekana aho yasohora urukurikirane rw'indimbo rwakunzwe cane, "Yaramenje", baraza gukunda indirimbo "Abatovyi" kuko yibutsa indirimbo zakunzwe ziri muri urwo rukurikirane.
Aha umuntu yovuga nk'indirimbo "Kundana", "Amabwire" n'izindi, zivugije mu mudiho wa Zouk ariko ufise umwihariko wisangije wokwitirira uwa Kidum bwite.

Ahavuye isanamu, Kidum
Urukundo
Indirimwo "Abatovyi", co kimwe na nyinshi mu ndirimbo Kidum akunze kwandika, ni indirimbo y'urukundo aho abwira umukunzi wiwe ko atokwihanganira kumutakaza kandi ko atinya abashaka kumutobera mu rukundo rwiwe.
Aha kandi abakunzi ba Kidum bakunze indirimbo nka "Haturudi Nyuma" canke "Ubushikiranganji bwo Kwivuna Abansi", baraza kuyikunda kuko ivuga kuri rwa rukundo rurimwo amadidane.
Urukundo rubuzemwo ukwizera canke ukwizerana, rutuma abakundana bamana umutima uhagaze batazi ejo hazoza h'urukundo rwabo uko hameze.
Ku bijanye naho n'ukuntu indirimbo ivugije, Kidum ntiyataye umurongo nk'uko abakunda indirimbo ziwe babimenyereye, ukaba ushobora kwumvamwo ivyuma vya guitar, ibintu abaririmvyi benshi bo muri iki gihe basa n'abibagiye bagakoresha gusa ibivugijwe n'ubuhinga bwa computer.

Ahavuye isanamu, Kidum
Aracari mu bambere mu karere
Mu kuririmba canke ubuhinga bwo kuvuza hamwe no gutororokanya amajambo aja mu ndirimbo, birumvikana ko ikibanza ca Kidum mu muziki ndundi n'uw'akarere kikiri mu vya mbere.
Kidum yandi yaherura no gusohora iyindi ndirimbo ikunzwe muri iki gihe yitwa "Telenovela", yaririmbanye n'uwitwa Cedo ikaba iri mu giswahiri.
BBC yashatse kumenya niba iyi ndirimbo nshasha ya Kidumu, "Abatovyi", yoba iri mu rukurikirane rushasha (album) yoba agire asohore, Kidum agira ati: "Jewe ndiko ndakora recordings (gufata indirimbo amajwi) nyinshi, gusa ivya album nzofata ingingo ziyivyerekeye ndavye aho nzoba nshitse n'ico nzoba maze gushikako..."
Kidum yaheruka gusohora urukirikirane rw'indirimbo yise Hali na Mali mu 2014, kuva ico gihe akaba yaragiye araremesha ibiteramwo vyinshi hirya no hino kw'isi n'ubu akibandanya, akaba kenshi avuza live mu muji wa Nairobi muri Kenya aho asanzwe aba. Ibiteramo vyiwe vyama ari akarore uhore.
Ushobora kuraba ngaha amasanamu y'indirimbo nshasha ya Kidum"Abatovyi".










