TV y'abihebeyimana yerekanye ibiterasoni muri Senegal

Ahavuye isanamu, You Tube
Imbonerakure (televiziyo) y'abihebeyimana mu gihugu ca Senegal yerekanye isinema y'ibiterasoni (pornographie), bihahamura abanyagihugu.
Touba TV yerekanye itabiteguye isinema irimwo abantu basambana ejo inyuma y'umutaga hagati ya 13:10 na 13:30 (isaha yo muri Senegal).
Ubutegetsi nabwo nyene bwarabonye iyo sinema.
Ikigo c'igihugu kigenzura imbonerakure "National Audiovisual Regulatory Council"casavye Touba TV ngo isigure ingene vyashitse aho.
Touba TV yavuze ko umugera winjiye mu muhora "network bug"ariwo watumye iyo sinema isohoka.






