ICC: Ntaganda yahamijwe ivyaha vyo mu ntambara na sentare y'iyungururizo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ICC yasubiye guhamya ivyaha vyo mu ntambara uwahoze ari umukuru w'abagwanyi mu gihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo, Bosco Ntaganda.
Uwo yahoze ari umukuru w'abagwanyi - yari yataziriwe izina rya 'Terminator' kubera ububisha bwiwe - yari yunguruje urubanza yari yaciriwe rwo gufungwa imyaka 30 mu mwaka wa 2019.
Yari yahamwe n'ivyaha 18 harimwo ubwicanyi, gufata ku nguvu no kwinjiza abana mu gisirikare, akaba kandi yari yabaye umuntu wa mbere aciriwe urubanza na sentare ku vyaha vy'ubuja bufatiye ku gitsina.
Ivyo vyaha vyakorewe mu karere kagwiriyemwo ubutare ka Ituri muri Republika ya Demokrasi ya Kongo hagati y'umwaka wa 2002 na 2003.
Urubanza rwa Bosco Ntaganda rwari rwatanguye mu kwezi kw'icenda mu 2015 ruhera mu kwezi kw'umunani mu 2019.
Mu 2013, Ntaganda yari mu mugwi w'abagwanyi ba M23 waje gucikamwo ibice, uruhande rwiwe rurabangamirwa bikomeye gushika ahungire mu Rwanda aho yaciye yishikana ku buserukizi bwa Amerika i Kigali, ari na bwo bwamurungikiye iyo sentare.
Acibwa urubanza, Ntaganda yari afise imyaka 46, sentare ikaba yavuze ko yavukiye mu buraruko bw'Urwanda, ku myaka 17 akaba ari ho yinjira mu bagwanyi ba APR bagwanya ubutegetsi bw'Urwanda. Mu nyuma yararonse ubwenegihugu bwa Kongo.
Yahamwe n'ivyaha 18 vyo mu ntambara muri Kongo vyakozwe hagati ya 2002-2003
Yagirijwe mu 2006Yishikanye kuri ambasade ya USA i Kigali mu 2013
Ivyaha birimwo kwicaMu 2012 hongeweko gufata ku nguvu, gutoteza bifatiye ku moko
Uwundi munye Kongo yaciriwe urubanza na sentare mpuzamakungu mpanavyaha ya ICC, ni Thomas Lubanga yaciriwe urubanza mu 2012 rwo gupfungwa imyaka 14 ahamwe n'ivyaha bisa n'ivyo vya Bosco Ntaganda.










