Sudan y'Epfo – Covid-19: Aba jenerari 3 mu ngabo bahitanywe n'iyo ndwara

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igisirikare ca Sudan y'Epfo catangaje urupfu rw'aba jenerari batatu bahitwanywe na Covid-19.
Cavuze ko abo batatu ari David Manyot Barach, Elijah Alier Ayom na Mabior Maket.
Amaziko azotegurwa n'umugwi ufatanije n'imiryango yabuze, nk'uko bitangazwa n'igisirikare.
Umukuru w'ingabo Gen Johnson Juma Okot yahamagariye abasirikare bose kwubahiriza ingingo zo kwirinda Covid-19, ku bw'umuvugizi wa gisirikare Brig Gen Santo Domic Chol.
Muri izi ndwi zibiri ziheze, incabwenge zikomeye zibiri zo kuri kaminuza ya Juba zarahitanywe na Covid-19 - bituma igitigiri c'abo imaze guhitana kiduga gushika ku 95.
Muri rusangi, muri Sudan y'Epfo gushika ubu haharurwa abantu 8.144 bamaze kwandura umugera w'iyo ndwara.
Mu kwezi guheze abantu 27 bakora mu biro vy'umukuru w'igihugu Salva Kiir harimwo n'abamucungerera ubuzima batowe umugera wa Covid-19.
Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu n'ishami rya ONU riraba amagara y'abantu kw'isi (OMS/WHO), bavuga ko Sudan y'Epfo ihanganye n'igwirirana ry'abandura kubera ukutubahiriza ingingo zo kwirinda nko kutegerana cane no kwambara agafukamunwa.










