Covax: Côte d'Ivoire na Ghana vyatanguye gutanga incanco zo gukinga Covid

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibihugu vya Africa vyatanguye gutera incanco za Covid zatanzwe biciye ku rwego rwo gukora kugira incanco zisabikanywe kw'isi ata buryarya.
Cote d'Ivoire ni kimwe mu bihugu vyaronkejwe izo ncanco zitangwa n'urwego rushigikiwe na ONU COVAX, aho gucanca kwatanguye ku wa mbere.
Na Ghana izotanguza isekeza ryo gucanca muri iyi ndwi.
Umukuru wa Ghana, Nana Akufo-Addo kuri uyu wa mbere niwe yabaye uwa mbere mu kuronka urwo rucanco rwa coronavirus ruciye muri iyo nzira.
Akufo-Addo yahimirije abanyagihugu kwiteza incanco no kwirinda abashira amakenga kuri iyo gahunda, izotuma hasohoka incanco ibihumbi 600 za Oxford-AstraZeneca mu gihugu cose kuva ku wa kabiri.

Ahavuye isanamu, Nana Akufo-Addo
Yavuze ati: "Ni ngombwa ko ntanga akarorero ko uru rucanco ata ngorane ruteye mu kuba uwa mbere mu kuruhabwa,kugira uwari we wese muri Ghana yumve ko atekaniwe mu kuruterwa".
Mu ntango hazobanza kuvurwa abafise amahirwe mabi menshi yo kwandura-abarenza imyaka 60 canke basanganywe izindi ndwara - hamwe n'abakozi ba nkenerwa cane, nk'abo kwa muganga, abigisha, abaporisi mbere n'abamenyeshamakuru bamwe bamwe.
Ariko abagore bafise inda n'abari munsi y'imyaka 18 ntibarabwa n'iryo sekeza ryo gucandaga. Abategetsi bavuga ko badafise amakuru akwiye ku ngaruka z'urwo rucanco kuri iyo migwi y'abantu.

Ahavuye isanamu, Reuters
Muri Cote d'Ivoire, isanganywe gahunda nk'iyo yo muri Ghana, ku wa mbere mu gitondo abantu bari batanguye gutonda imirongo ku bituro vyo gucandaga kugira bahabwe urucanco rwa mbere rwa AstraZeneca.
Nigeria yiteze kuronka incanco zingana hafi miriyoni zine imbere y'uko iyi ndwi ihera.
Professeur Gavin Yamey, yagize uruhara mu kwubaka umugambi wa Covax, yavuze ko bikenewe cane ko hatangwa incanco kw'isi yose.
Ati: "Vyari bibabaje kubona ingene ibihugu bitunze cane cane bisakumba,
"Vyari vyacitse nko kwikwegerako, gutanganwa, kandi ivyo si ukuba ari bibi gusa, ni n'akaga ku magara y'abantu."
Gahunda zo gucandaga zaratevye gutangura muri Africa, ariko uwo mugabane w'isi hagaragaye ibitigiri bito vy'abanduye n'abapfuye ugereranije n'ibihugu vy'i Buraya.
Umugambi wa Covax wizeye gutanga incanco zingana na miliyaridi 2 ku bantu bo mu bihugu 190 mu kiringo kidashika umwaka.










