Sudan y'Epfo-Covid: 27 batowe umugera mu biro vy'umukuru w'igihugu

Prezida Salva Kiir

Ahavuye isanamu, Getty Images

Abantu 27 mu bakora bo mu biro vy'umukuru w'igihugu muri Sudan y'Epfo batowe umugera wa Covid-19, nk'uko vyemejwe n'umwe mu bajenama b'umukuru w'igihugu.

Benshi mu bafashwe n'abakozi bato bato hamwe n'abo mu bajejwe gucungera umutekano w'umukuru w'igihugu.

Prezida Salva Kiir nta mugera yanduye, nk'uko bivugwa n'umuvugizi Ateny Wek Ateny.

Yabwiye BBC ati:

''Ni ukuri, abakozi barenga 20 batowe umugera, cane cane abacungerera hafi umutekano w'umukuru w'igihugu n'abandi bakozi bato bato mu biro vy'umukuru w'igihugu.

'Ndi mu bakozi bakuru batowe umugera;jewe n'umuhinga w'imigambi-bose hamwe ni 27."

Yavuze kjo abakozi bose ku kirimba c'umukuru w'igihugu ku murwa mukuru Juba bazopimwa irigira kabiri mu buryo bwo kwiyubara. Abashikiranganji babiri n'umwe mu bajenama b'umukuru w'igihugu nabo bazopimwa irigira kabiri.

Muri Sudan y'Epfo haharurwa abantu 6.277 bamaze kwandura umugera wa Covid-19 na 83 umaze kwica.