Myanmar: Aung San Suu Kyi yabonetse muri sentare kwagirizwa ivyaha

Protesters hold up a photo of Aung San Suu Kyi

Ahavuye isanamu, EPA

Aung Aung San Suu Kyi yabonywe ubwa mbere kuva apfunzwe n'abasirikare batembagaje ubutegetsi haraheze ukwezi, hari ku buryo bwa video.

Yabonetse ''afise amagara meza'' hanyuma asaba kubona abamwunganira mu mategeko, nk'uko abashingwamanza biwe babivuze.

Apfungiwe ahantu hatazwi kuva hatembagajwe ubutegetsi itariki ya mbere ukwezi kwa kabiri.

Abiyamiriza iryo tembagazwa no kuri uyu wa mbere bazindukiye mu mabarabara, n'ubwo kuwa mungu wabaye umunsi mubi aho hishwe abantu 18.

Abo bantu bishwe ubwo igiporisi n'igisirikare vyakajije ivyo gushaka guhasha imyiyerekano mu gihugu mu kurasa amasasu y'ukuri mw'isinzi ry'abari mu myiyerekano.

Ariko abantu bagarutse mu mabarabara kuri uyu wa mbere n'inguvu nyinshi cane, basaba ko reta yatowe isubizwaho hanyuma Madame Suu Kyi nawe n'izindi ndongozi z'umugambwe wiwe, National League for Democracy(NDL), barekurwe.

Igisirikare kivuga ko cafashe ubutegetsi kubera ubusuma bwabaye mu matora yo mu kwezi kwa 11, yatsinzwe ku rugero runini cane na NDL.

Nta vyemezo cerekanye vy'ubwo busuma n'ubwo casubirije umugwi ujejwe amatora kikemera ayandi matora mu kiringo c'umwaka.

Madame Suu Kyi yahora he?

Madame Suu Kyi, w'imyaka 75, yafashwe igihe itembagaza ryatangura itariki imwe z'ukwezi kwa kabiri, kuva ico gihe akaba atasubiye kuboneka ahagaragara gushika ku ntahe y'uno munsi, aho yabonetse biciye muri video muri sentare ku murwa mukuru, Nay Pyi Taw.

Ntawuzi aho apfungiwe kuva afashwe haraheze ukwezi, ariko hari amakuru avuga ko yapfungiwe mu rugo iwe mu gisagara ca Nay Pyi Taw imbere y'uko yimurirwa mu kindi kibanza kitamenyeshejwe.

Madame Suu Kyi mu ntango yakurikiranwa ku vyaha bibiri harimwo kugura no kwinjiza mu gihugu amaradiyo yo kuvuganirako ( walkie talkie) no kurenga ku mategeko ya Myanmar yerekeye ibiza, ariko hari ibindi vyaha vyongeweko kuri uyu wa mbere, harimwo kurenga ku ngingo zo kwirinda Covid-19 mu gihe co kwiyamamariza amatora hamwe no gutera "ubwoba n'uguhagarika umutima".

Ivyaha vya mbere bishobora guhanishwa umunyororo ushika ku myaka itatu. Ntibiramenyekana neza igihano c'ivyo vyaha bishasha icari co.

Intahe ikurikira yashizwe ku wa 15 uku kwezi kwa gatatu.

Inkinyamamuru Myanmar Now catangaje ku wa mbere ko umukuru w'igihugu yatembagajwe Win Myint -afadikanije urugamba na Madame Suu Kyi- nawe yagirijwe kugumura hisunzwe igitabo mpanavyaha.

A protester wears a mask with Ms Suu Kyi's face on it, and holds a banner that reads "free out leader"

Ahavuye isanamu, EPA

Ukumenyekana n'ugukundwa kwa Madame Suu Kyi kwarongerekanye cane kuva afashwe, ariko izina ryiwe mu makungu n'ubu riracahumanye kubera ibivugwa ko yaravye hirya ku kibazo co kwomora aba Islam b'abanyamuke bo mu bwoko bw'aba Rohingya.

Ikindi kiba uyu munsi ni igiki?

Imyiyerekano yasubiriye kandi mu bisagara vyinshi mu gihugu.

Ku bw'itororokanirizo ry'amakuru AFP, hari aho vyashitse abari mu myiyerekano ata bigwanisho bitwaje biriruka barahunga igihe hari amasasu yari arashwe.

Ntibizwi niba yari amasasu y'ukuri canke niba yari ayo akamwanya (caoutchouc).

Iryo tororokanirizo ryongeyeko ko muri Yangon, abari mu myiyerekano babonetse bakoresha ibintu birimwo ibiti vy'imigano, intebe zo mu nzu hamwe n'amashami y'ibiti kugira bazibire amabarabara.

Amasanamu yerekanye kandi imyuka ikoroza amosozi isukirwa ku bari mu myiyerekano.

1 March protest in Myanmar's Yangon

Ahavuye isanamu, Getty Images

1 March protest in Myanmar's Yangon

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ibi vyose vyashitse gute?

Igisirikare ca Myanmar cafashe ubutegetsi ku wa mbere ukwezi kwa kabiri, gishiraho amategeko adasanzwe kandi gishira ubutegetsi bwose mu minwe ya General Min Aung Hlaing.

Haheze iminsi haciye hatangura ingendo yo kwanka amategeko, abakozi banka gusubira ku mirimo kugira biyamirize ico gikorwa c'abasirikare.

Ntivyatevye abantu batangura kwitaba iyo ngendo ari benshi, abantu ibihumbi n'ibihumbi bihereza amabarabara.

Muri iyi minsi ya vuba imyiyerekano yagiyemwo intureka ikomeye hagati y'igiporisi n'abanyagihugu basanzwe; gushika ubu hakaba hamaze gupfa abantu 21.