Coup d'état Myanmar: Ibihumbi n'ibihumbi mu myiyerekano ku musi ugira kabiri

Yangon, 6 February 2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Abantu baharurwa mu bihumbi bihaye amabarabara mu gisagara gikuru ca Myanmar, Yangon, ku musi ugira kabiri w'imyiyerekano yo kwiyamiriza itembagazwa ry'ubutegetsi ryakozwe n'igisirikare haraciye hafi indwi.

Abagabo n'abagore, abenshi muri bo bakiri bato, bafise amashusho y'indongozi yabo ipfunzwe Aung San Suu Kyi, bamwe muri bo bambaye imyambaro itukura, ibara ry'umugambwe wiwe, National League for Democracy (NLD).

Hari abafise ivyapa vyanditseko ngo :"Sonera uwo twatoye".

Ejo ku wa gatandatu, igisirikare carugaye imihora ya internet muri ico gihugu.

Hagati aho, ivyo ntivyabujije abantu kurondera ubundi buhinga bwo kurungika amashusho n'amavidewo y'iyo myiyerekano.

Umwe mu bari muri iyo myiyerekano, Myo Win w'imyaka 37 yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ati: "Tuzobandanya tuja imbere gushika turonse demokarasi".

Ibimodoka vy'igipolisi n'abaporisi bajejwe gutuza imigumuko bari ku mabarabara ari hafi ya kaminuza ya Yangon.

Gushika ubu abategetsi ba gisirikare ntibarahagarika iyi myiyerekano yo kubiyamiriza, ariko bose bariteze ko umwanya n'umwanya bashobora kugerageza.

Mu gatondo k'uno munsi wa Mungu, hari miyiyerekano mito yabaye mu bisagara vya Mawlamine na Mandalay.

Indongozi iherutse gutorwa mu matora aheruka, Aung San Suu Kyi, umukuru w'ico gihugu, Win Myint, hamwe n'abandi bategetsi bo hejuru mu mugambwe NLD barahagaritswe kuva igisirikare gifata ubutegetsi ku wa 01 z'uku kwa cumi na kabiri, maze baca bashiraho amtegeko yo mu gihe kidasanzwe azomara umwaka wose.

Uruhara rw'imbuga ntangamakuru kuva habaye iri tembagazwa ry'ubutegetsi

Iri tembagazwa ry'ubutegesti ryabaye mu gihe inama nshingamateka nshasha yari yiteze gukorana, inyuma y'amatora yo mu kwa cumi na rimwe aho umugambwe NLD watahukanye intsinzi ku majwi 80% mu nama nshingamateka.

Aung San Suu Kyi in September 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aung San Suu Kyi (iyi sanamu yayifashwe mu mwaka uheze ) abandanya apfunzwe n'igisirikare

Abanya Birmaniya benshi barakurikiranye ikibiriraho ingene ibintu vyariko biragenda baciye ku rubuga rwa Facebook, urubuga nyamukuru abanyagihugu baronkerako amakuru. Ariko haciye imisi itatu, abatanga imihora ya internet bategetswe kurwugara bavuga ngo ni kumvo z'umutekano.

Bamaze kwugara uru rubuga, ibihumbi n'ibihumbi vy'abarukoresha baciye baca kuri Twitter na Instagram biyamiriza iri tembagazwa ry'ubutegetsi. Gushika isaha zine z'ijoro z'ejo ku wa gatanu mu masaha yaho, izo mbuga nazo nyene zari zamaze kwugarwa.

Nta jambo rirava mu kanwa k'abo basirikare batembagaje ubutegetsi ku bijanye n'iri yugarwa ry'imihora ntangamakuru, ariko AFP itangaza y'uko yaboye urwandika rw'ubushikirnganji rudateyeko igikumu ruvuga ko izi mbuga ntangamakuru zibiri zariko zikoreshwa "mu kuzimagiza abanyagihugu".

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International rivuga ko iyugarwa ry'umuhora wa internet ari "ubugome n'ukutitwararika ubuzima bw'abanyagihugu", rikagabisha ko iyi ngingo ishobora gutuma abanyagihugu ba Birmania bahohoterwa.

Myanmar canke Birmanie

Myanmar canke Birmanie ni igihugu gifise abantu imiliyoni 54 muri Aziya y'ubumanuko bushira ubuseruko, ikaba ihana urubibe na Bangladesh, Ubuhindi, Ubushinwa Thailand na Laos.

Yarongowe n'abasirikare batwaza umukazo kuva 1962 gushika 2011.

Aung San Suu Kyi yamaze imyaka itari mike arwanira impindiuka za demokarasi.

Mu 2015, harashinzwe reta yari irongowe n'umupfasoni Suu Kyi inyuma y'amatora yabaye uwo muwaka. Ariko haciye imyaka ibiri, ubwicanyi bwakozwe ku basilamu bo mu bwoko bw'aba Rohingya bwatumye ibihumbi amajana n'amajana bahungira muri Bangladesh.

Ibi vyatumye haba icuka kibi hagti ya Suu Kyi n'amakungu yari amushigikiye inyuma y'aho yankiye kwiyamiriza ubu bwicanyi.

Hagati aho, yabandanije akundwa cane mu gihugu, nk'uko ivyavuye mu matora yo mu kw'icumi na rimwe bivyerekana.

Map of Myanmar