Nigeria: Igipolisi cemeje ko abanyeshure b'abakobwa 317 banyurujwe bavanywe kw'ishure ryabo

Nigeria

Igipolisi gifashijwe n'igisirikare mu ntara ya Zamfara iri mu buraruko bushira uburengero bwa Nigeria catanguye igikorwa co kurondeza abakobwa b'abanyeshure barenga 300 banyurujwe kuri uyu wa gatanu bavanywe kw'ishure ryabo ryisumbuye rya Jangebe.

Igipolisi cemeje ko abakobwa banyurujwe ari 317 muri ico gitero cabaye isaha indwi y'ijoro.

Ababibonye bavuga ko abantu bitwaje ibigwanisho bari ku maguru bateye iryo shure ryisumbuye ry'abakobwa rya Jangele mu masaha ya kare cane yo ku wa gatanu, bararasa hanyuma banyuruza abo bakobwa babakura mu buryamwo bwabo.

Umwigisha yabonye ico gitero yavuze ko ku bana 421, gushika ubu abamaze kuboneka ari 55 gusa.

Amasaha make inyuma y'ico gitero, abavyeyi baciye batangura kurundana kw'ishure kubaza ivyashikiye abana babo.

Umukuru w'igipolisi yasavye umuyobozi n'abavyeyi kugumya umutima abizeza ko igikorwa c'igipolisi gifatanije n'izindi nzego z'umutekano kija kurokora abana babo.

Ntiharamenyekana abakoze ico gitero bakanyuruza abo bakobwa, ariko Zamfara n'imwe mu ntara zigeramiwe cane n'ibikorwa vy'imigwi y'inkozi z'ikibi inyuruza abantu kugirango isabe amafaranga imbere yo kubarekura-kenshi igatumbera amashuri.

Igitero nk'ico ca vuba caheruka igihe abanyeshure n'abigisha baharugwa mu mirongo banyuruzwa bavanywe kw'ishure ry'abahungu mu ntara ya Niger iri hagati na hagati muri Nigeria haraheze indwi, kandi kugeza n'ubu bakaba bataraboneka.