Transparency International: Uganda na S. Sudan kw'isonga mu kurya igiturire muri EAC

Ahavuye isanamu, Reuters
Igihugu ca Uganda na Sudani y'epfo biza imbere muri Afrika y'ubuseruko mu kurya ibiturire, nk'uko biri mu cegeranyo gishasha c'ishirahamwe mpuzamakungu Transparency.
Ico cegeranyo co mu mwaka wa 2020 gisohoka buri mwaka kivuga ku bihugu 180, kikaba cibanze cane cane ku giturire kivugwa muvyo kugwanya Covid - 19, cerekana ko igihugu ca Tanzania, Kenya n'Urwanda vyifashe neza mu gikorwa co kugwanya igiturire mu gisata c'amagara y'abantu.
Mu 2020, Uganda iri mu kibanza ca 142 mu bihugu 180, bitandukanye n'umwaka wa 2019 aho ico gihugu cari mu kibanza ca 137 mu bihugu 180 nyene.
Soudan y'epfo na yo iza mu kibanza ca nyuma n'amanota 12 kw'ijana, ikaba inganya n'igihugu ca Somalia.
Uwurongoye ishirahamwe rya Transparency International muri Uganda, Peter Wandera yavuze ati:"Iki cegeranyo ni mpuzamakungu cihweza ikibazo co kurya igiturire mu bihugu bitandukanye vyo kw'isi umuntu yihweje uko ico kibazo cifashe kuri buri gihugu, kikaba cashizwe ahabona ejo, mu bihugu vyose vyagizweko amatohoza."
Mu 2020, iryo shirahamwe ryarihweje ivyerekeye ikiza ca Covid -19. Ryagize amatohoza ku bihugu 180, vyinshi bikaba vyarananiwe kwerekana uko vyakoresheje amahera vyari vyahawe kugira bigwanye Corona.
"Mu 2020, ikiza Corona catumye igiturire ciyongera. Ico cegeranyo cerekana ko, ibihugu vyinshi vyatunzwe agatoke ko vyimonogoje mu biturire, vyavuye mu kunanirwa no gukoresha nabi uburyo bwagenewe kugwanya Covid-19."
Wandera yongeyeko ko: "Ubu, n'aho igihugu ca Uganda cerekana inguvu mu gukumira ikiza ca Corona, haravugwa ikibazo c'igiturire aho vyabananiye kwerekana ingene amahera yo kugwanya ico kiza yakoreshejwe."
Ico cegeranyo cerekana ko mu 2020, kimwe ca gatatu c'ibihugu vyagizweko amatohoza, vyaronse amanota ari musi ya 50 kw'ijana.
Ibi bisigura ko igiturire kitari muvyo amagara y'abantu gusa, biri no mu bindi bisata. Ibihugu bibanyi vya Uganda nk'Urwanda, Tanzania na Kenya bifise ikibanza ciza ugereranije na Uganda, Urwanda rukaba ruri mu kibanza ca 49, Tanzania 94, Kenya 124.
Gushika ubu, reta ya Uganda ntiragira ico ishikirije kuri ico cegeranyo.










