Serum Institute: Umuriro wishe batanu mw'ihinguriro rya mbere rinini ry'inkingo

Abakozi bahagaze hanze y'ahadutse umuriro mu kigo ca Serum Institute i Pune mu Buhindi

Ahavuye isanamu, EPA

Abantu batanu bapfuye bahitanywe n'umuriro wadutse mw'ihinguriro rya mbere rinini ry'incanco mu burengero bw'Ubuhindi.

Uwo muriro wahereye mu nyubakwa yari ikiriko iruduzwa mu kigo ca Serum Institute co mu Buhindi ahitwa Pune ku muhingamo w'uyu wa kane.

Amasanamu yerekanye umwotsi mwinshi uduga uva muri imwe mu nyubakwa z'ico kigo gikwiye irya n'ino.

Ico kigo ariko cavuze ko ata ngaruka ivvaye bizogira ku bikorwa vyo gukora incanco.

Icatumye uwo muriro waduka ntikiramenyekana.

Uwo muriro bahavuye bashobora kuwuzimya ariko umukuru w'igisagara yemeje ko abantu batanu bapfuye.

Umukuru w'ico kigo Adar Poonawalla yavuze ko ata ngaruka uwo muriro uzogira ku bikorwa vyo gukora urucanco rwa Oxford-AstraZeneca ruzwi aho mu Buhindi nka Covishield ''kubera inyubakwa nyinshi zo gukoreramwo urwo rucanco nategekanije habaye nk'ibi vyashitse.''

Covishield ni rumwe mu nkingo zemewe na leta y'Ubuhindi batara abantu mu kubakingira kwandura umugera utera indwara ya Covid-19, umugambi wo gucanca mu Buhindi watanguye ku ndwi iheze kandi niwo wa mbere muni kw'isi.

Ico gihugu gitegekanya guha incanco abantu miliyoni 300 bitarenzae mu ntango z'ukwezi kw'umunani.

Hari n'ibindi bihugu vy'uburyo buke canke ububayabaye navyo birindiriye urucanco rwa Oxford-Zeneca rukorwa n'ico kigo ca Serum Institute co mu Buhindi.

Ubuhindi buza ubugira kabiri kw'isi mu bihugu birimwo abantu benshi banduye corona inyuma ya Reta zunze ubumwe za Amerika.

Kuva uwo mugera utanguye kuvugwa muri ico gijhugu, kimaze kwemeza abanduye barenga miliyoni 10.6 n'abamaze gupfa hafi 153.000, ku biharuro bitangwa na Kaminuza ya Hopkins.