US : Abanyamadini rukristu bashigikiye Trump bagize uruhara mu migumuko yo kuri Capitol

Abanyamadini rukristu bashigikiye Perezida Donald Trump bari mu bantu ibihumbi n'ibihumbi bari mu myiyerekano i Washington DC mu ndwi iheze.

Hari bamwe babona ko ukwitabira iyo migumuko vyerekana ingene amashengero Rukristu muri Amerika yacanyemwo.

Imbere y'uko baja kwugariza ku ngoro ya Capitol ku wa gatatu w'indwi iheze, babanje gupfukama barasenga.

Ibihumbi n'ibihumbi barashitse ku cicaro c'ubutegetsi bwa Amerika mu myiyerekano yiswe "Kiza Amerika" (Save America) yari yateguwe kugira ngo biyamirize ivyavuye mu matora aheruka.

Perezida Trump yarashikirije ijambo isinzi ryari imbere ya Maison Blanche/White House, abasaba kuja kwugariza ibiro vy'inama nshingamateka na nkenguzamateka, aho abatowe bari bakorane kugira ngo bemeze intsinzi ya Joe Biden.

Isinzi ry'abari muri iyo myiyerekano bari bitwaje amasanamu avuga ivy'Imana. Amabendera yanditseko ngo "Yezu/Yesu 2020" (Jesus 2020) yarahungabana hampande y'amadarapo ya Trump hamwe n'aya Amerika.

Iryo sinzi ryahavuye rija kwugariza ku nyubakwa y'amakoraniro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka, ivyatumye haduka akajagari kuri Capitol.

Hari n'imiburiburi umurwi umwe wari witwaje umusaraba ukozwe mu giti. Akandi karwi kavuza inzamba - umugirwa wa kiyahudi wahavuye wifatirwa n'amwe mu mashengero rukristu nk'ikimenyetso c'urugamba. Ahandi naho, hari abari bafise amabendera ariko ifi, ikimenyetso ca kera c'idini rya gikristu.

Ku bakristu bamwe, kubona ibi bimenyetso biri kumwe n'amabendera yerekana ya mareta yari yishize hamwe ngo arwanire ubucakara (États Confédérés) vyabaye ibintu biteye agahinda.

Ariko ku bandi, Trump ni rwo rukiza - umuntu yariko arwanira ngo " imico rukristu ntiyiganzirwe n'ab'isi", nk'uko Franklin Graham, umuhungu w'uwahoze ari umuvugabutumwa akomeye, Billy Graham, yabibwiye BBC.

Umusi umwe imbere y'iyi migumuko, umurwi w'abakristu bashigikiye Trump bakoze urugendo bise "urugeno rw' i Yeriko" i Washington.

Bikoreye imisaraba baririmba n'indirimbo zihayagiza Imana, bakoze imyiyerekano mu micungararo ya Capitol basubiramwo inkuru yo muri Bibiliya ivuga igihe Abanyisirayeli bugarije umwansi wa Yeriko.

Amashusho bari bitwaje ntabwo yerekana amacakubiri ashingiye ku rukoba na politike gusa muri Amerika, yarerekanye ahubwo ko igihugu gihanzwe n'amacakubiri ashingiye ku madini.

Mu matora ya 2020, nk'uko vyagenze mu 2016, vyabonetse ko bine vya bitanu vy'abavugabutumwa b'abazungu - bari bashigikiye uyu mukuru w'igihugu wo mu mugambwe w'aba Repubulika.

Ariko ibi ni iigihushane ku bakristu b'Abirabure - imbere y'amatora, hafi ibice 90% vyabo bipfuza gutora uwariko ahiganwa kw'izina ry'umugambwe w'abaharanira Demokarasi (Democrat), Joe biden.

Kuva abanyamadini b'abazungu babaye umurwi ufise inguvu za politike muri Amerika mu mpera z'imyaka ya 1970, bamye bakora amasekeza yo kurwanya ugukorora inda, bakarondera gukomeza amategeko atanga ubwisanzure mu vyo amadini, kandi bagahimiriza ugufata mu mugongo igihugu ca Isirayeli.

Muri ibi bisata vyose, ubutegetsi bwa Trump bwarakoze birashimwa: Trump yaragabanije amafaranga ku mashirahamwe ashigikiye abakorora inda, agena abacamanza barenga 200 ku rwego rw'amareta hamwe na batatu ku rwego rw'igihugu bashigikiye ukubungabunga imico ya kera (Conservateurs), yongera yimurira i Yeruzalemu ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika muri Isirayeli abivanye i Tel Aviv - iki kikaba cari icipfuzo co kuva kera cane mu banyamadini bamwe bamwe b'abazungu.

Baremera ko Trump afise utunenge. Mu majambo y'umwe mubanywanyi biwe bakomeye arongoye urushengero rukomeye i Texas, Robert Jeffress, umukuru w'igihugu "si umuntu w'umunyaruhimbi".

Ati: "Ntasa n'umuntu yihebeye gusenga".

'Kurwanira imico Rukristu' muri Amerika

Ariko, uretse utubazo kanaka two mu myiyamamazo, hari abahinga bamwe bavuga ko "Ukurwanira imico Rukristu" biri mu vyatumye abanyamadini bashigikira imyiyamamazo ya Trump.

Bavuga ko Ubukristu bwabaye kimwe mu biranga umunyamerika: Kuba umunyamerika ni ukuba umukristu.

Abashigikiye iyi ngendo bavuga ko Amerika igeze aho igeze kubera igendera ku mico rukristu, bakagabisha, bakoresheje amajambo ya Trump, ko abakeba muri politike "bariko bararwanya imico rukristu".

Umuhinga mu vyo imibereho y'abantu yitwa Andrew Whitehead, mu mwihwezo yakoze ku banywanyi ba Trump, yanditse ati: "Gutora Trump ku banyamerika benshi, vyaboneste nk'uburyo bwo kurwanira iragi rukristu rya Amerika."

Abahinga nka Whitehead na Philip Gorski, umwigisha mu bijanye n'imibereho kuri kaminuza ya Yale, bavuga ko, mu kiringo cose amaze ku butegetsi, Trump yihetse inyuma y'ivyiyumviro bishingiye ku mico rukristu mu kwama avuga ko Amerika iriko iribagira iragi Rukristu ryayo.

Yariyemeje "kurwanira imico rukristu" mbere ku banywanyi biwe batari bake, icivugo ciwe co "Gusubira gukomeza Amerika" ( Make America Great Again) gishobora kuba citiranwa na "Gusubiza Amerika mu bukristu" ( Make America Christian Again).

Mu myiyerekano yabereye muri Ohio umwaka uheze, yaragabishije ko ubutegetsi bwa Biden bushobora gusigura buti "nta dini, nta kintu na kimwe".

Ati: "Kurwanya Bibliya, kurwanya Imana. Arwanya imana...".

Ariko, amadini Rukristu yarigabuye.

Umwepiskopi arongoye urushengero Episcopal Church of the US, Nyen'icubahiro Michael Curry, yavuze ko imigumuko iheruka yari iyo "kurondera gutembagaza ubutegetsi" kandi ko vyari ibintu "biteye ubwoca cane".

Umwepiskopi wa Washington ,Nyen'icubahiro Mariann Budde, avuga ko ibimenyetso vy'idini vyerekanywe "ari isakirirego ryo ku rwego rwo hejuru, uburyo bwo gutukisha Ubukristu".

Mu ndwi iza, Biden azokwimikwa nk'umukuru w'igihugu w'umukatolika agize kabiri mu mateka ya Reta zunze Ubumwe za Amerika kandi abigendera.

Mu buryo bwinshi, yaboneka ko ari we mukandida nyawe ku bakristu benshi gusumba Trump.

Yama yitabira imisa n'imiburiburi rimwe mu ndwi, kandi n'amajambo yiwe arimwo amajambo ya Bibliya, kandi agakora uko ashoboye kwose asigura uruhara ukwemera gufise muri politike yiwe.

Hagati aho, abakristu benshi, harimwo n'abakatolika bagenzi we, ntibashaka kumubona nk'umukristu "nyawe" kubera ashigikiye uburenganzira bwo gukorora inda hamwe n'ubwo bahuza ibitsina babisangiye.

Mw'ijambo ry'itsinzi yiwe inyuma yamatora yo mu kw'icumi na rimwe, Joe Biden yasubiyemwo igitabo c'Umubwiriza muri Bibliya aho yavuze ko cari "igihe co gukiza" Amerika.

None ubwo Biden arashobora kwemeza Abakristu bashigikiye Trump ko - mu majambo yiwe - "azogarukana umutimamana wa Amerika"?

Mu majambo yashikirijwe n'abarongoye amadini inyuma y'imigumuko iheruka mu ndwi iheze, nta cemezo kinini kihari cerekana ko bariko bava inyuma ya Trump.