DR Congo: Abanyororo 24 bagirizwa urupfu rwa Laurent Kabila barekuwe

Muri Republika ya Demokrasi ya Congo abahora bapfunzwe 24 bagirizwa kwica uwahoze ari prezida w'ico gihugu Laurent Kabila barekuwe inyuma yo kumara imyaka hafi 20 mw'ibohero.

Abaharanira agateka ka zina muntu baranebaguye cane urubanza baciriwe n'igisirikare rwatumye bahamwa n'icaha.

Irekurwa ryabo rivuye ku kigongwe c'umukuru w'igihugu Felix Tshisekedi.

Hari umunezero mwinshi igihe abo bagabo 24 barekurwa ku mugwa mukuru Kinshasa.

Benshi mu banye Congo bemeza ko ata ruhara bafise mu rupfu rwa Kabila, ahubwo ko baguye mu mporero muri ubwo bwicanyi bwo mu 2001.

Umwe muri abo barekuwe ni Eddy Kapend, yahoze arongoye ibiro bikuru vya gisirikare.

Kabila yacise asubirigwa mu mabanga yo kurongora igihugu n'umuhungu wiwe.

Prezida Joseph Kabila yagumye yanka incuro nyinshi akamo yaterwa ko kurekura abo banyororo - cumi n'umwe muri bo bakaba baguye mw'ibohero.

Ingingo ya prezida yo kubarekura ntibonwa kumwe na bose.

Muri iyi myaka ibiri, Tshisekedi yari mu runani rumwe na Joseph Kabila. Ariko hagati y'abo banye politike bakomeye cane ba Congo, hajemwo ikibazo gikomeye cane.