Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abategetsi b'ibihugu bitari bike bariyamiriza imigumuko ku ngoro y'amakoraniro ya US
Abategetsi b'ibihugu bitari bike kw'isi bariyamiriza imigumuko yabereye i Washington, aho abashigikiye Perezida Donald Trump bateye ingoro y'amakoraniro ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Capitol.
Ibi vyatumye inama rusangi y'abashingamateka n'abakenguzamateka yo kwemeza intsinzi ya Joe Biden ihagarara umwanya muto.
Abategetsi batari bake bateye akamo basaba ko iyo migumuko ihagarara hakaba ihererekanwa ry'ubutegetsi mu mahoro, bakavuga ko ivyabaye "biteye agahinda" kandi ari "uguhungabanya bikomeye demokarasi"..
Umushikiranganji wa mbere Boris Johnson w'Ubwongereza yiyamirije "ibikorwa biteye isoni".
Yanditse kuri Twitter ati: "Reta Zunze Ubumwe za Amerika zihagarariye demokarasi kw'isi, rero ni ngombwa ko ubutegetsi buhererekanwa mu mahoro kandi mu mutekano".
Eka n'abandi bategetsi bamushigikiye mu gutera ivyatsi iyo migumuko, aho na Sir Keir Starmer, umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Boris Johnson yavuze ko iyi ari "intambara yeruye kuri demokarasi".
Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse Nicola Sturgeon yanditse kuri Twitter avuga ko ibiriko bibera kuri Capitol "Biteye ubwoba".
Umushikiranganji wa mbere wa Esupanye Pedro Sánchez na we ati: "Ndizeye inguvu za demokarasi ya Amerika. Ubutegetsi bushasha bwa Joe Biden buzorengera ibi bihe bitoroshe, busubize hamwe Abanyamerika".
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa Jean-Yves Le Drian ariyamiriza "igitero gikomeye kuri demokarasi", mu gihe mugenzi we w'Ubudagi nawe, Heiko Maas, avuga ko Trump n'abanywanyi biwe "bategerezwa kwemera aho abanyagihugu bashize kandi bagahagarika guhonyanga demokarasi".
Umukuru w'inama nkuru y'ubumwe bw'ibihugu vya Buraya, Charles Michel, avuga ko yizeye neza ko Biden azoshikirizwa ubutegetsi mu mahoro.
Uyu anavuga ko umukuru w'umuryango w'ubumwe bwa Buraya Ursula von der Leyen arindiranye igishika cinshi gukorana n'umukuru wa USA mushasha wo mu mugambwe w'abaharanira demokarasi.
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe OTAN ry'ukwivunira umwansi hamwe rihuza ibihugu vyo mu burengero bw'isi, Jens Stoltenberg, yifatanije n'abandi mu gusaba ko ivyavuye mu matora "bitegerezwa kwubahwa".
Umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau avuga ko Abanyacanada "bahagaritswe umutima kandi ko bababajwe cane n'iki gitero kuri demokarasi".
Yanditse kuri Twitter ati: "Imigumuko ntizigera ishobora guhindura aho abanyagihugu bashize. Demokarasi muri Amerika itegerezwa kubungabungwa".
Umushikiranganji wa mbere wa Nouvelle-Zélande Jacinda Ardern, yanditse kuri Twitter ati: "Demokarasi - uburenganzira bw'abanyagihugu kwitorera uwo bashatse, gushikiriza ivyiyumviro vyabo kandi ingingo bafashe ikubahirizwa - ntishobora gusenyurwa n'akarwi k'abagumutsi".
Umushikiranganji wa mbere wa Autralia Scott Morrison na we nyene ariyamiriza ivyabereye kuri Capitol, akavuga ko yizeye ko hazoba ihererekanywa ry'ubutegetsi mu mahoro.
Reta ya Venezuela nayo iti: "Kuri ibi bintu bibabaje, Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zihura n'amahano asa n'ayo zateye mu bindi bihugu kubera politike yo kwivanga mu buzima bwavyo".
Mu butumwa bacishije kuri Twitter, umukuru w'igihugu ca Argentina Alberto Fernández hamwe n'uwa Chili Sebastián Piñera nabo nyene biyamirije imigumuko yabereye i Washington.