South Korea: Hari umwitwarariko ko hapfa abantu benshi gusumba abavuka

Korea y'Epfo yabuze abantu benshi kuruta abavutse mu 2020 ubwa mbere muri kahise k'ico gihugu, bivyura umwitwarariko muri ico gihugu gisanganywe ikibanza ca mbere kw'isi c'urugero ruto rwo kuvyara abana.

Abana batarenga 275.800 ni bo bavutse mu mwaka uheze, igitigiri kikaba cagabanutse gushika kuri 10 kw'ijana ugereranije no mu 2019. Abantu bashika 307.764 na bo ni bo bapfuye.Ivyo bitigiri vyatumye ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati busaba ko hoba impinduka zikomeye muri politike y'ico gihugu.

Igabanuka ry'abantu riratera ingorane zikomeye ku gihugu.

Uretse ko reta iguma isabwa kwongereza uburyo ikoreha kubera kwitaho amagara y'abantu n'amafaranga y'abagiye mu kiruhuko c'izabukuru biguma vyiyongera, igihugu aho abakiri bato bagenda baragabanuka bituma kandi habura abakora akazi, na vyo bikagira ingaruka ubwo nyene ku butunzi.

Mu kwezi guheze, prezida Moon Jae-in yatanguje imigambi myinshi igamije guhangana n'urugero ruto rw'abavuka, harimwo no gutanga agashirukabute ku miryango.

Muri iyo ndinganizo, kuva mu 2022, umwana wese avutse reta izomutangira akaganuke ka miliyoni 2 z'ama won ($1.850 canke £1.350) kugira yongerereze abavyeyi uburyo bakoresha, ayo akiyongera ku yandi angana na won 300.000 umuryango uzoronswa buri kwezi gushika umwana akwije umwaka.

Ako gashirukabute kazoduzwa ku ma won 500.000 buri kwezi kuva mu 2025. Ahanini biterwa n'uko muri Korea y'Epfo, abagore bibagora gufatanya akazi n'izindi nshingano z'ubuzima bwa minsi yose.

Hyun-yu Kim n'umwe muri bo. Umwana mukuru muri bane, yamye yifuza kuronka nawe abana benshi. Ariko kubera ubuzima bwo muri Korea y'Epfo butorohereza kwitaho umuryango, ubu atanguye kwiyumvira guhindura umugambi wiwe wo kuronka abana.

Aherutse kwemera akazi gashasha akaba ahagaritswe umutima n'ugufata ikonje(conge) yo kuja kuvyara.

Yabwiye BBC ati :''Abantu bambwira ko ari vyiza gusumba mbanje kwitaho kugira uburambe mu kazi''.

Ibiciro vy'aho kuba biguma biduga, na co n'ikindi kibazo gikomeye. Kim avuga ko ibiciro vy'amazu canke aho kwubaka biguma biduga bica intege ingo zikiri nto.

''Kugira uvyare abana, utegerezwa kuba ufise inzu yawe. Ariko ubu bisigaye ari indoto gusa ngaha muri Koera''.