Uganda: Abamenyeshamakuru badafise ikarata ntibemerewe gukurikirana amatora

Ahavuye isanamu, BBC/TWITTER
Abamenyeshamakuru badafise ikarata ibaha uburenganzira bwo gukurikirana amatora ntibemerewe gukora.
Itangazo ryasohowe nijoro ku wa gatatu n'icegera c'umukuru w'igiporisi, Jenerali Mamojo Paul Lokech rivuga ko iyi ngingo itangura kuja mu ngiro uyu musi ku wa kane, igenekerezo rya 31/12..
Lokech avuga ko kuva ubu inzego z'igiporisi n'umutekano zemera abamenyeshamakuru bemejwe n'ikigo kijejwe kugenzura ibimenyeshamakuru muri Uganda, Media Council of Uganda, kugira ngo bashobore gukurikirana imyiyamamazo n'amatora.
Iri tangazo ryiwe yarisohoye haciye amasaha make inzego z'umutekano zihagaritse abandika amakuru yabo ku mbuga ngurukanabumenyi bariko barakurikirana ihagarikwa ry'umunyapolitike atavuga rumwe Bobi Wine mu karere ka Kalangala ejo ku wa gatatu.
Mw'itegeko rishasha riherutse gusohorwa n'ico kigo kigenzura ibinyamakuru, hampande y'uko abamenyeshamakuru bose bategerezwa gutanga amahera mu kwiyandikisha gushasha, bategerezwa kwerekana bimwe mu bikorwa bamaze gukora hamwe n'izindi mpapuro zerekana umwidondoro wabo.
Abamenyeshamakuru mvamahanga nabo bategerezwa kwerekana impapuro zerekana ko ata kibakurikirana bahawe n'igiporisi mpuzamakungu, Interpol.
Hagati aho, si ukuvuga ko usavye kuronswa ivyo vyose utegerezwa kubironka. Ushobora kubibura kubera impapuro zidakwiye, inzego z'umutekano zitakwemera, canke ukaba uri umuntu utemerewe kwinjira muri ico gihugu.
Aya mategeko ruhasha yo kugenzura ibinyamakuru yashizweho inyuma y'aho reta mu ntango z'uku kwa cumi na kabiri yirukaniye abamenyeshamakuru batatu ba Canada bari bahawe uruhusha n'umurwi w'igihugu ujejwe kugenzura ibinyamakuru rwo gukorera mu gihugu.
Muri ano matora arimwo impari nyinshi cane yitezwe mu ndwi zibiri, reta iragirizwa ihonyangwa ry'uburenganzira bw'ukumenyesha amakuru n'abaharanira agateka ka zina muntu.
Mw'iryo tangazo ryiwe, Jenerali Lokech avuga ko izi ngingo nshasha zifise intumbero yo gufasha inzego z'umutekano gukingira neza abamenyashamakuru.










