Tundu Lissu abandanya asabira ibihano abategetsi ba Tanzania

Umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Tanzania Tundu Lissu asaba amakungu ko yofatira ibihano reta ya Perezida Pombe Magufuli.
Lissu, ubu asanzwe ari mu buhungiro mu Bubirigi, yagiriza ubutegetsi bwa Magufuri guhohotera abantu, kwica no kuboreza igufa mu gihe c'amatora aheruka, akavuga ko mu bisanzwe ata yabaye.
Ati: "Kuva ku wa 28 z'ukw'icumi, abaharurwa mw'ijana barapfungiwe mu busho bw'igiporisi, babandanya baborezwa igufa, ibi bintu bikaba bidashobora kwihanganirwa".
Tundu Lissu, yari yitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu kw'izina ry'umugambwe CHADEMA, yahunze haciye imisi mike inyuma y'amatora, akavuga ko ubuzima bwiwe bwari bubangamiwe.
Sibwo bwa mbere uyu munyapolitike asabira ibihano abategetsi b'igihugu ciwe.
Abajijwe na BBC ivyemezo yoba afise, Tundu Lissu avuga ko ibikoreka vyose bikorwa abantu n'amakungu arorera.
Ati: "Si twebwe twenyene twerekanye ko abantu bagandaguwe, dufise indiri n'indiri y'ivyemezo, mbere n'indorerezi zagiye guhagarikira amatora zaravuze neza ko abantu bishwe".
"Abantu bose bakurikiranira hagufi ibibera muri Tanzania kuva imyaka itanu irangiye hamwe n'ivyabaye cane cane mu misi ibiri ya mbere y'amatora, ni ukuvuga ku wa 27 na 28 z'ukw'icumi, bazokubwira ko ivyabaye muri Tanzania bitari bwigere bibaho".
Tundu Lissu yasubiye muri Tanzania mu kwezi kw'umunani uno mwaka avuye mu Bubirigi aho yari amaze igihe kitari gito ari kwivuza ibikomere inyuma y'uko mu 2017 abantu bataramenyekana bashatse kumwica akaraswa amasasu 16 ariko akarokoka.
Yashitse agenwa guhiganwa na Perezida Magufuli mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye ku wa 28 z'ukw'icumi, amatora Perezida Magufuli n'umugambwe wiwe batsinze ku majwi menshi cane, Tundu Lissu akaza ubwa kabiri.
Hagati aho, Lissu yaciye asubira mu buhungiro mu Bubirigi avuga ko umutekano wiwe wari ubangamiwe.
Abajijwe igituma asabira ibi bihano igihugu ciwe kandi azi ko abanyagihugu basanzwe ari bo bazohabonera amakuba mu gihe wewe azoba yibereye hanze, Lissu wewe yivugira ko uru ari ururimi "rw'abategetsi batwaza umukazo, abicanyi kw'isi yose".
Ati: "Igihe Omar al-Beshir yariko arica ibihumbi n'ibihumbi vy'Abanyasudani muri Darfur, amakungu asemerera ko ababikora bokurikiranwa, hari insiguro nk'izi, ko abanyagihugu batobato ari bo bazomererwa nabi".
"Igihe intwaro karyanishamiryango muri Afrika y'Epfo, Apartheid, yariko igandagura abanyagihugu mu myaka ya 1970 na 1980, ababikora bose bama bavuga ngo mugafata ibihano muzoba mushaka kuniga abanyagihugu bato bato ba Afrika y'Epfo".
Ati: "Umviriza, ni mwabandanya muvugira aba bategetsi batwaza umukazo, aba bicanyi, muzoba muriko murashigikira ibikorwa vyabo".
Ku bw'iwe, mu gihe bofatirwa ibihano, buzoba ari ubutumwa kuri bo no kw'isi yose ko iyi ngendo idashobora kwihanganirwa.
Inyuma y'imisi mike amatora yaraye abaye, Tundu Lissu yabanje guhungira mu nzu y'uwuserukira Ubudagi muri Tanzania, avuga ko ubuzima bwiwe bwari mu kaga.
Hagati aho, umuvugizi wa reta ya Tanzania yabwiye BBC ishami ry'Igiswahili ko ata bimenyetso vyerekana ko abatavuga rumwe n'ubutegetsi ubuzima bwabo bwari bugeramiwe, akabagiriza ahubwo ko vyari ivyitwazo mu gushaka kwerekana ingene batsinzwe amatora.
Lissu, co kimwe n'abani bagenziwe batavuga rumwe n'umugambwe CCM uri ku butegetsi, bavuze ko amatora yaranzwe n'ubusuma.
Nayo Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika vyatangaje ko ubutegetsi bwinjiriye ayo matora.
Ku ruhande rwawo, umurwi ujejwe gutegura amatora muri ico gihugu urahakana ivyo bivugwa, ugashimangira ko ata busuma bwayabayemwo.










