Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Centrafrique: UN yisubije igisagara cari cafashwe n'abagwanyi
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ryisubije igisagara ca Bambari co muri Republika ya Centrafrique (CAR) cari casubiye kwigarurirwa n'abagwanyi ku musi wa kabiri.
Umuvugizi wa ONU yavuze ko ingabo zagiye kugarukana amahoro hamwe n'abajejwe umutekano b'ico gihugu ari bo bahagenzura, abitwaje ibigwanisho bakaba bahungiye mw'ishamba.
Yavuze ko abasivire bari bahunze intambara batanguye kugaruka.
Bitegekanijwe ko haba amatora rusangi muri ico gihugu ca Centrafrique ku musi w'Imana.
Reta yagirije uwahoze arongoye ico gihugu, Francois Bozize, ko yishize hamwe n'imigwi yitwaje ibigwanisho mu ntumbero yo gutembagaza ubutegetsi - ivyo we ahakana.
Uburusiya n'Urwanda vyararungitse abandi basirikare baharurwa mu majana mu gufata mu mugongo reta, mu gihe abitwaje ibigwanisho bariko baragerageza gushika ku mugwa mukuru Bangui.