Ingene Tanzania 'ikoresha copyright ya Twitter mu gucecekesha abanenga reta'

Abaharanira agateka k'abakoresha internet bavuga ko politike ya Twitter yerekeye gukingira ibikorwa vy'umuntu (copyright) iriko irakoreshwa cane ku mayeri ku makonte y'abaharanira agateka ka zina muntu muri Tanzania mu ntumbero yo kubacecekesha.

Buri musi kuri Twitter, Kigogo - izina ryo mu giswahili risigura umwubahwa (VIP), arandika ibiba biriko bivugwa mu biro vyo mu butegetsi bwa Tanzania.

Ido n'ido yavyo iba iteye isoni, inababaje hamwe na hamwe, ariko abantu bakurikirana Kigogo kuri Twitter bashika hafi 400.000, barakunda cane izo nkuru abazanira, bamwe mbere bakita Kigogo "prezida wacu muri republika ya Twitter".

Ariko abatamwemera bagiriza Kigogo kurenza urugero mu kuvuga ivyashitse na rimwe na rimwe kubivuga ukutariko.

Guhagarikwa kuri Twitter

Kigogo, izina ryiwe ritashizwe ahabona, yabwiye BBC ati:

"Ndi umugabisha kandi nshira ku mugaragaro igiturire n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu bibera mu gihugu."

Ariko imbere gato y'amatora yo ku wa 28 ukwezi kwa cumi, Twitter yarahagaritse ikonte ya @Kigogo2014 kubera "abantu barenga 300" bidoze kuri urwo rubuga ko iyo konte yarenze kw'itegeko rigenga gukingira ibikorwa vy'umuntu (copyright) - ivyo Kigogo ahakana.

Abaharanira agateka k'abakoresha internet bavuga ko iyo politike iguma ikoreshwa "n'amareta atwaza umukazo" nka Tanzania mu ntumbero yo gucecekesha abayanebagura.

Twitter ntiyishuye ubwo nyene kuri ivyo bivugwa, ariko yarasohoye itangazo mu kwezi kwa cumi yiyamiriza iyugarwa ry'urwo rubuga imbere y'uko haba amatora.

Mu karorero kamwe Kigogo atanga, avuga ko ubutumwa burenga 1000 bwo kuri @Kigogo2014 bwakoporowe buca bwifashishwa mu gukora imbuga zitatu, abamwidogera rero bakaba bakoresha izo mbuga mu kuvuga ko yarenze ku mategeko yerekeye gukingira ibikorwa vy'umuntu.

Kigogo avuga ati: "Inyuma y'aho ikonte yanje yugariwe, nararondeye Twitter ariko vyasa n'uko tuvugana n'iki 'robot' atari abantu. Naronka inyishu zisanzwe ziteguye. Nta muntu afise ubwonko yari mu banyishura."

Ivyo vyose vyatanguye inyuma y'imisi mike Kigogo yanditse ubutumwa avuga ko hari umugambi w'umugambwe uri ku butegetsi muri Tanzania (CCM) wo kwiba amajwi mu matora yari yimirije, aho Prezida John Magufuli yariko ararondera kwitoreza ikiringo kigira kabiri.

Akanama kajejwe gutegura amatora mu gihugu ca Tanzania karahakana ko habaye ubusuma bw'amajwi haba imbere canke inyuma y'amatora.

Kigogo abandanya anezereza abamukurikira n'inkuru ziryoshe ariko yongera aryoherwa n'ivyo konte yiwe yashitseko akaba anizeye ko izobandanya ituma aba Tanzania bagerageza kumenya niba ari umugore canke umugabo, canke niba ari umugwi w'abantu bakoresha konte ye.

BBC yarasavye umuvugizi wa reta ya Tanzania kugira ico avuze kuri ivyo biri muri iyi nkuru, ariko nta nyishu twigeze turonka.