Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia: UN ivuga ko abana hafi imiliyoni 2.3 badashikirwa n'imfungurwa mu ntara ya Tigray
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU riragabisha ko abana bashika hafi imiliyoni 2.3 bo mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bwa Ethiopia badashikirwa n'imfashanyo mu gihe intambara ibandanya.
Ishami rya ONU rijejwe abana, UNICEF, rivuga riti: "Gukingira aba bana, benshi muri bo ari impunzi abandi bari mu makambi ari hagati mu gihugu... gitegerezwa kuba igikorwa nyamukuru."
N'aho habaye umwumvikano na reta ya Ethiopia, amashirahamwe atanga imfashanyo avuga ko aguma abuzwa gushika muri Tigray.
Kuva itariki zine z'ukwezi kwa cumi na rimwe, abasirikare ba reta ya Ethiopia bariko baratana mu mitwe n'abagwanyi bo muri Tigray.
Reta yamenyesheje ko ari yo igenzura ako karere kandi ko intambara yarangiye. Ariko umuhari wa TPLF (Tigray People's Liberation Front) uvuga ko ukibandanya kugwana mu turere twinshi.
Abantu amajana n'amajana, mbere haravugwa n'ibihumbi vy'abantu, vyibazwa ko biciwe muri iyo ntambara, mu gihe abashika hafi 50.000 bahungiye mu gihugu kibanyi ca Sudan.
Mw'itangazo, UNICEF ivuga iti: "Uko izo mfashanyo zigenewe abo bana ziteba, ni ko ibintu bigenda biyangara mu gihe imfashanyo y'ibifungurwa, harimwo n'ivyoca bitangwa ubwo nyene birimwo ingaburo zigenewe abana bafise ingwara z'imirire mibi, imiti, amazi, igitoro hamwe n'ibindi vya nkenerwa biri ku mushiro."
Iryo shirahamwe ryongeyeko riti: "Turasavye vyihuta kandi atakirinze gusabwa gushika ku miryanago ikeneye imfashanyo aho iri hose."
Yaba reta ya Ethiopia canke umuhari wa TPLF nta n'umwe aragira ico abivuzeko.