Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: MacKenzie Scott yatanze imfashanyo ya miriyaridi $4.2 mu mezi ane
MacKenzie Scott, yahoze yubakanye n'uwatanguje kompanyi Amazon, Jeff Bezos, yatanze imiriyaridi 4.2 z'amadolari ya Amerika ku bubiko bw'imfungurwa (food banks) n'izindi mfashanyo zihuta mu kiringo c'amezi ane.
Ku rubuga rwiwe, Scott yavuze ko ashaka gufasha abanye Amerika bari mu ngorane kubera ikiza coronavirus.
Umupfasoni Scott agira uwa 18 mu bantu batunze cane kw'isi, ubutunzi bwiwe bukaba bwavuye ku miriyaridi 23.6 z'amadolari bushika kuri 60.7 uyu mwaka.
Bwinshi mu butunzi bwiwe bwamuka kuri Bezos, umutunzi wa mbere kw'isi, akaba ari na we arongoye kompanyi Amazon.
Kuri uyu wa kabiri, ku rubuga rwiwe yanditse ati: "Iki kiza cabaye ikintu kibi cane ku buzima bw'abanye Amerika bari basanzwe bamerewe nabi," yongerako ko yatoye amashirahamwe 380 yo guha imfashanyo mu gihe yipfuza gushika ku mashirahamwe 6.500.
Ati: "Agahombo mu butunzi n'ingaruka mbi ku magara y'abantu vyarazahaje abapfasoni, abirabure hamwe n'abantu bakenye. Hagati aho, ubutunzi bwo bw'abagwizatunga bwariyongereye."
Umupfasoni Scott yatanze umuriyaridi 1.7 ku mashirahamwe 116 mu kwezi kw'indwi, avuga ko ashaka gukubitira akagohe "amashirahamwe n'abategetsi guhindura ingendo." Ayo akaba ashikanye hafi imiriyaridi 6 z'amadolari atanze y'imfashanyo muri uyu mwaka.
Iyo mfashanyo igenewe ahanini "abasanzwe bafasha abantu bageramiwe n'ibura ry'imfungurwa, abageramiwe n'ingingo z'amacakubiri afatiye ku rukoba, abafise urugero runini rw'ubukene hamwe n'abafise ubushobozi buke bwo kuronka imitahe."
Mu mwaka uheze, yarashize umukono ku mugambi wa 'Giving Pledge', aho yiyemeje gutanga igice kinini c'ubutunzi bwiwe. 'The Giving Pledge' n'icemezo gifatwa n'abagwizatunga ku giti cabo n'imiryango yabo co ku gutanga igice kinini c'ubutunzi bwabo.
Abahinga mu vyo gutanga imfashanyo barashimye amahera amaze gutanga n'uburyo yabicishijemwo. Umupfasoni Scott yakoranye n'umugwi w'abahanuzi mu kurondera amashirahamwe ibihumbi n'ibihumbi.