Pierre Webo : uwa 08/12 uzoba umusi ukomeye mu kurwanya amacakubiri ashingiye ku rukoba

Pierre Webo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Pierre Webo yashigikiwe n'abantu benshi bo mu gisata c'umupira w'amaguru ariko kandi aronka n'ubutumwa bubi cane buvuye muri Roumanie, igihugu uyo muhagarikizi agira kane akomokamwo.

Pierre Webo, icegera c'umumenyereza w'umurwi Istanbul Basaksehir wa Turukiya, avuga ko igenekerezo rya 08 z'ukwa cumi na kabiri rizoba umusi ukomeye mu rugamba rwo kurwanya amacakubiri ashingiye ku rukoba.

Abakinyi ba Basaksehir na Paris St-Germain baravuye mu kibuga mu rukino rwo mw'ihiganwa rya Buraya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, inyuma y'aho umuhagarikizi agira kane yagirijwe ko yabwiye Webo amajambo yo kumutyoza kubera ari umwirabure.

Webo w'imyaka 38 avuga ko imisi yakurikiye "ari yo yabaye mibi cane" kuri we mu kiringo cose amaze mu mwuga w'umupira w'amaguru.

Avuga ko vyabaye ngombwa ko umuganga amufasha kugira ngo ashobore gusinzira muri rirya joro ivyo biba.

Ati: "Imisi ibiri canke itatu yakurikiye niyo misi yambereye mibi cane mu mwuga wanje".

Uyu yahoze ari umukinyi mpuzamakungu wa Kameruni yaragirije umuhagarikizi agira kane, Sebastian Coltescu, ko yamututse mu kumuhamagara yisunze ibara y'uruhu rwiwe, aho kumuhamagara mw'izina ryiwe.

Webo yabwiye BBC ko kubw'iwe, "igenekerezo rya munani, rifise kahise na kazoza. Tuzikwama turyibuka".

Uru rukino rwahagaze ku munota wa 14 ata murwi n'umwe wari bwinjize igitsindo, rwagiye gusubirwamwo bukeye ku wa gatatu, ruhagarikiwe n'abandi bahagarikizi bashasha.

Mu gihe co kwishusha, iyi mirwi yompi hamwe n'abahagarikizi, bari bambaye udupira twanditseko ngo "turiyamirije amacakubiri ashingiye ku rukoba", nayo mu bwugamo habaka hariho ivyama vyo kwiyamiriza aka kabi, mbere abakinyi n'abahagarikizi bakaba babanje gupfukama hagati mu kibuga imbere 'yuko urukino rutangura.

Webo yari yirukanywe mu kibuga mu gihe ivyo vyaba ariko yahavuye yemererwa kugaruka mu kibuga, maze ikarata itukura yari yahawe irafutwa.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru i Buraya, UEFA, ririko rirakora amatohoza ku vyabaye.

Mu mateka y'umupira w'amaguru kw'isi, nibwo bwa mbere imirwi ihanganye ihuriza ku kintu kimwe igafata ingingo yo kuva mu kibuga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu mateka y'umupira w'amaguru kw'isi, nibwo bwa mbere imirwi ihanganye ihuriza ku kintu kimwe igafata ingingo yo kuva mu kibuga

Webo yamaze imyaka umunani akinira imirwi Osasuna na Majorque mw'ihiganwa rya Espagne La Liga. Avuga ko yashigikiwe n'abantu benshi bo mu gisata c'umupira w'amaguru hamwe n'abandi bo hanze. Hagati aho, avuga ko yaronse n'ubutumwa bubi cane buvuye muri Roumanie, igihugu uyo muhagarikizi agira kane,Coltescu, akomokamwo.

Ishirahamwe UEFA rivuga ko ryamaze kuronka ivyemezo, ariko ribona ko inyishu idashobora kuboneka imbere ya Noweri (Noël).

Nk'uko bivugwa n'umwe mu bategetsi ba Roumanie, abari bajejwe urwo rukino rwa Champions League barahagaritswe vy'agateganyo mw'ihiganwa ry'igihugu, mu kurindira ko igisata kijejwe indero muri Uefa gifata ingingo.