PSG Vs Istanbul: UEFA igiye gukora amatohoza ku macakubiri y'urukoba yatumye iyi mirwi iva mu kibuga

Urukino hagati ya Paris St-Germain na Istanbul Basaksehir rurasubirwamwo kuri uyu wa gatatu inyuma y'aho n'ijoro ruhagarariye kubera umuhagarikiri yabwiye amajambo y'amacakubiri afatiye ku rukoba/ku ruhu, umwe mu bamenyereza b'uyu murwi wo muri Turukiya.

Istanbul ivuga ko umwe mu bahagarikizi b'uru rukino, uwugira kane, Sebastian Coltescu, yabwiye ayo majambo Pierre Webo, icegera c'umumenyereza wayo.

Uyu yahoze ari umukinyi mpuzamakungu wa Kameruni Webo yahawe ikarata itukura inyuma yo guterana amajambo n'uyu muhagarikizi.

Abakinyi ba Istanbul baciye basohoka mu kwerekana akababaro kabo, maze n'aba PSG na bo nyene baca barakurikira.

Ibi vyabaye haciye iminota 14 gusa urukino rutanguye, nta murwi n'umwe wari bwinjize igitsindo.

Uru rukino ruza gutangurira ku munota wa 14 kuri uyu wa gatatu, bikaba bitegekanijwe ko rutangura isaha imwe n'iminota 55 mu masaha y'Urwanda n'Uburundi (19h55).

Ruza kuba ruhagarikiwe n'abahagarikizi bashasha, Danny Makkelie wo mu Buholande, niwe aza kuba ari umuhagarikizi mukuru.

Mugenziwe Mario Diks na Marcin Boniek akomoka muri Pologne ni bo baza kuba abafasha biwe bo ku ruhande, na yo uwundi na we nyene akomoka muri Pologne, Bartosch Frankowsky, akaba aza kuba umuhagarikizi agira kane.

PSG yoyo yamaze gushika mu gice c'umunani gishira ica nyuma, inyuma y'aho Manchester United itsindiwe na RB Leipzig 3-2.

Mw'itangazo ryaryo, ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru i Buraya, UEFA, rivuga riti: "Uefa yafashe ingingo idasanzwe - imaze kuvugana n'iyi migwi yompi - ko iminota isigaye ikinwa kuri uyu wa gatatu n'abahagarikizi bashasha.

"Amatohoza yimbitse ku vyabaye ategerezwa gutangura ubu nyene".

Umukinyi w'imbere wa Istanbul, Demba Ba, yari ku ntebe y'abasubirizi, yabonetse ari inyuma y'ikibuga abaza uyu muhagarikizi ati: "Kubera iki, mu kuvuga ngo uyu mwirabure, ubikuye kuki kuvuga ngo uyu mwirabure?"

Ireresi yerekanye umukinyi w'inyuma wa PSG Presnel Kimpembe avuga ati: "Ubwo arakomeye? Turigiriye. Turigiriye. Ni uko nyene, turigiriye".

Haciye ikiringo c'amasaha abiri urukino rwahagaze, imbere y'uko umuhagarikizi amenyesha ko rudashobora kurangira n'ijoro ku wa kabiri.

Muri uwo mwanya wose, abakinyi ba PSG bagumye bishusha mu cumba bahinduriramwo impuzi barindiriye ko urukino rusubira gutangura, ariko abo bahiganwa bobo ntibigeze basubira kuboneka.

Mu nyuma, umukinyi w'imbere wa PSG Kylian Mbappe yanditse kuri Twitter ati: "Twiyamirize amacakubiri afatiye ku rukoba. Webo turi kumwe nawe".

Recep Tayyip Erdogan, umukuru w'igihugu ca Turukiya, avuga ko yizeye ko Uefa" ishobora gufata ingingo zikenewe".

Yanditse kuri Twitter ati: "Turiyamirije twivuye inyuma amacakubiri afatiye ku rukoba n'ikumira mu nkino, co kimwe no mu bindi bisata vy'ubuzima".