Umwana w'imyaka 12 yatawe muri yompi yagirizwa ivanguramoko kuri Wilfried Zaha

Umwana w'umuhungu w'imyaka 12 yahagaritswe n'igipolisi mu matohoza ku majambo y'ivanguramoko yarungikiye Wilfried Zaha, umusatirizi wa Crystal Palace ayacishije ku mbuga hwaniro.

Zaha yamenyesheje ko yarungikiwe amajambo atari make yo kumutyoza acishijwe ku mbuga hwaniro imbere y'urukino rwahuje umurwi wiwe na Aston Villa ejo ku wa Mungu, urukino Crystal Palace yatsinzwe ibitsindo bibiri ku busa.

Umumenyereza wiwe Roy Hodgson avuga ko ivyo bitutsi ari "ubukozi bw'ikibi kandi bibabaje cane".

Abarongoye ihiganwa ry'umupira mu Bwongereza, Premier League, bamenyesha ko ityozwa ry'uyu mukinyi akomoka muri Cote d'Ivoire ari ikintu "kidashobora kwihanganirwa na gato".

Igipolisi co mu karere ka West Midlands cari candikiye Zaha ku rubuga rwa Twitter ko cariko gitegura gukora amatohoza kuri iryo tyozwa, haciye amasaha makeya kimenyesha ko cahagaritse uyo mwana.

Ico gipolisi canditse ubutumwa kuri twitter kiti: "Twaronse ubutumwa butari buke uno munsi butumenyesha ko uyu mukinyi yarungikiwe amajambo amutyoza kandi tumaze kuyihweza neza, twaciye duhagarika umwana w'umuhungu".

"Uyo muhungu w'imyaka 12 yaciye yinjizwa agasho. Turashimiye abo bose berekanye iryo bara. Ivangura ntirishobora kwihanganirwa".

Avugaka n'ikinyamakuru c'inkino Sky Sports imbere y'uko uyo mwana ahagarikwa, Hodgson yongeyeko ati: "

"Ivyo ari vyo vyose, iri sekeza rya Black Lives Matter ririko riravyerekana neza kandi bose bariko bihatira kurandurana n'imizi iyo ngeso".

"Ni ibintu bibabaje kubona, ku munsi w'urukino nyene, umukinyi avyukira ku bitutsi vy'ububegito kandi bibabaje cane vy'ivanguramoko. Ni vyiza kubona Wilf yabishize ahabona kandi sinibaza ko iki ari ikintu co kwigumizamwo".

"Yashatse kubuza umwe mu bakinyi beza cane gukina neza, ariko inzira yabicishijemwo ntishobora kwihanganirwa".

Premier League ivuga iti: "Iyi ngeso ntishobora kwihanganirwa na gato kandi Premier League yifatanije na Wilfried Zaha mu kuyiyamiriza, co kimwe n'amacakubiri ayo ari yo yose".

"Tuzobandanya dufata mu mugongo abakinyi, abamenyereza hamwe n'imiryango yabo iramutse ironse amajambo y'ibitutsi acishijwe ku mbuga hwaniro".

Kuva ihiganwa rya Premier League risubiye gutangura mu kwa gatandatu guheze, abakinyi mu Bwongereza barapfukama imbere y'ugutangura urukino mu ntumbero yo kwifatanya n'isi yose mu rugamba rwo kurwanya ivanguramoko rikorerwa abirabure rwiswe Black Lives Matter (Ubuzima bw'abirabure ni kirumara).